Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/06/2022

Publié le 20 juin 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yuriye indege mu gatondo k’uyu wa mbere, imushikana i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Nk’ukwo tubisoma mw’itangazo rigenewe abamenyeshamakuru ryo mu biro vy’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye yitavye inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ku kibazo kijanye n’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa Congo iharanira intwaro rusangi. Mu nama ya nyuma yari yabahuje mu kwezi kwa kane guheze, ibihugu bigize uwo muryango vyari vyumvikanye ko hazorungikwa inteko za gisirikare z’umuryango wa Afrika y’ubuseruko, muri ico gice co mu buseruko bwa Congo. Abarongoye ibiro vya gisirikare b’ivyo bihugu bakaba barabonanye kuri uyu wa Mungu i Nairobi, kugira bigire hamwe ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.
II. Igenekerezo rya 20 Ruheshi ukwo umwaka utashe, amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Uyu munsi ushitse mu gihe impunzi z’abarundi zababa ibihumbi 270 zikiri mu bihugu zahungiyemwo, na cane cane ivyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko. Mw’ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi, bakaba batewe impungenge n’ibitigiri bibandanya kwiyongera vy’impunzi kw’isi kubera ingwano iri mu bihugu bitandukanye. Uyo munsi none wazananye he?
III. Abarundi bahungiye mu bihugu vyo mu karere, basaba gukingirwa n’ibihugu vyabakiriye bifadikanije n’ishirahamwe rya ONU ryitaho impunzi HCR. Bamwe muri bo bavuganye na Radiyo Inzamba agateka kawe, basaba ko ibihugu vyabahaye indaro vyoborohereza mu kwiyungunganya be n’ukuronka akazi.
IV. Inzara itewe n’igabanuka ry’ivyo kurya, indwara, umutekano muke; ni vyo bigeramiye impunzi z’abarundi ziri mu makambi atandukanye. Ivyo bishikirizwa na Léopold Sharangabo, icegera c’uwurongoye urunani CBDH-VICAR ruharanira agateka k’impunzi ziri mu makambi.  Kuri uno munsi mpuzamakungu wagenewe impunzi, asaba ibihugu vyo mu karere kwubahiriza impunzi mu gukurikiza amategeko. Léopold Sharangabo arongera agahamagarira amakungu kuvugira impunzi zitahukanwa ku nguvu.
V. Imyaka ibiri Evariste Ndayishimiye amaze arongoye igihugu yaranzwe n’amajambo meza atigeze ashirwa mu bikorwa. Ukwo niko Agathon Rwasa arongoye umugambwe CNL abibona. Akaba yabishikirije kuri uyu w’Imana ku mutumba wa Gatonga muri komine Giharo iri mu ntara ya Rutana, imbere y’abanywanyi b’uwo mugambwe arongoye. Agathon Rwasa avuga ko iyo myaka ibiri yaranzwe aha nini n’iburabuzwa  ry’abatavuga rumwe na leta, iyo leta akayisaba kwisubirako.
VI. Inama idasanzwe iba uko umwaka utashe y’amashirahamwe agwanya igiturire muri Afrika yatanguye i Bujumbura kuva kuri uyu wa mbere. Ni akaryo kugira igwanywa ry’igiturire rishike kure mu Burundi nk’ukwo vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ryishinze kugwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta. Kazoba n’akaryo ko gushikiriza ibibazo bihanze igipolisi kidasanzwe, kijejwe kugwanya igiturire.
VII. Inka 31 ni zo zimaze guhitanwa n’inyonko, fièvre de la vallée du rift mu gifaransa, mu ntara ya Kayanza mu mezi abiri aheze ico kiza cibonekeje muri iyo ntara. Ama komine hafi yose aramaze gufatwa, komine ya Kabarore ikaba ari yo imaze gupfisha nyinshi, ibiharuro bikerekana ko muri iyo komine hamaze gupfa inka 11. Agahombo ngo ni kenshi kuko iyifashwe baca bayihamba.
VIII. Igice ca mbere c’ihiganwa ry’Uburundi muri basketball cararangiye kuri uno w’Imana, umugwi w’Urunani utahukanye ikibanza ca mbere. Umugwi wa Bumamuru, mu mupira w’amaguru, ni wo watahukanye Burikukiye Cup, ihiganwa ryatunganijwe mu ntumbero yo guhimbaza umusi mukuru wo kwikukira kw’Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi