Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/06/2022

Publié le 22 juin 2022 par Rédaction
I. Umuntu umwe yishwe arashwe n’umupolisi mu gitondo co kuri uno munsi wa gatatu, mu gisagara ca Bujumbura. Uwo yishwe akaba yaratondeye igitoro kuri station iri hafi y’ahakorera ishirahamwe ryo kuziganya Hauge Family Microfinance, riri kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA. Umupolisi asanzwe ararira iryo shirahamwe akaba yamutegetse gukura imodoka yiwe kw’irembo ry’iryo shirahamwe aho yarasanzwe atonze ari ku murongo arindiriye ko ashikirwa, akaba yamwagiriza ko azibiye inzira, bakaba batashoboye kwumvikana. Ni ho umupolisi yamutegetse kuva mu modoka aca aramurasa. Uwo mupolisi akaba yahavuye afatwa, ubu ari mu minwe y’abajejwe umutekano ku mvo z’amatohoza.
II. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana asanzwe aharanira agateka ka zina muntu, amategeko akwiye gukoreshwa ata kubabarira umupolisi yishe umuntu, kuko icaha yakoze ari icaha c’inyongera kibi. Ku bwiwe, leta ikwiye gushumbusha umuryango wabuze kuko ibifisemwo uruhara.
III. Umwigeme w’imyaka 17 ari kumwe n’umuvyeyi wiwe bamaze indwi irenga binyegeje. Batinya kugirirwa nabi na Sylvain Nzikoruriho, umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Rutana. Uwo mwana w’umwigeme bivugwa ko yagiriza Sylvain Nzikoruriho, kumushurashuza ku nguvu, agatako akagomba kumugira umugore wa kabiri. Idosiye y’urwo rubanza ikaba igeze muri parike ya Rutana. Uwagirizwa ico caha, ariko aca ku biti no ku mabuye ngo azimanganye iyo dosiye, kuko umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu yategetse ko abategetsi bose barangwa n’akageso k’ubusambanyi bategerezwa kubogozwa.
IV. Amafranga angana n’imiiliyaridi zirenga ibihumbi bibiri n’ijana ni yo nteguro y’amafaranga Leta itegekanya gukoresha mu mwaka uza. Ayo mafranga akaba yadugijwe kugera ku bice mirongo ine kw’ijana, ugereranije n’ayakoreshejwe mu mwaka uheze. Mu bisata vyongewe amafranga harimwo ic’uburimyi n’ubworozi, kwivuna umwansi co kimwe n’igisata c’indero n’amagara y’abantu.
V. Ukwankira abashingamateka b’umugambwe CNL ngo bashinge umugwi w’abashingamateka, ivyagirizwa umukuru w’inama nshingamateka, ngo vyoba bifise intumbero yo gukumira abashingamateka b’umugambwi CNL ngo ntibaserukirwe mu nzego zo muri kano karere, na cane cane inama nshingamateka yo muri Afrika y’ubuseruko. Ni umwihwezo wa Agathon Rwasa. Ariko ngo hamwe uwo mugambwe wankiwe rwose, umukuru w’umugambwe CNL aremeza ko abashingamateka bakomoka muri CNL bazobandanya bitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka, bongera babandanya basaba uburenganzira bwabo.
VI. Abashingamateka b’umugambwe CNL wa Agaton Rwasa ntibarira busema mu gusaba ko bashinga umugwi w’abashingamateka bakomoka muri uwo mugambwe, mu gihe bakwije ibisabwa vyose. Uko ni ko umwigisha Charles Nditije akaba anarongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA utemewe n’ubutegetsi bw’i Gitega, abivuga, akaniyamiriza ihonyangwa ry’amategeko ridasiba kwibonekeza mu nama nshingamateka. Ivyo akaba avyagiriza urongoye urwo rwego bivuye ku bwibone n’inzigo afitiye uyo wese adakomoka mu mugambwe arimwo CNDD-FDD.
VII. Impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzaniya baridoga ko babuzwa guserura akari ku mutima. Kuri uyu wa mbere, barategetswe n’abategetsi b’igihugu ca Tanzaniya kutavuga bimwe vyari mw’ijambo bari bateguye kuri uwo musi mukuru mpuzamakungu wahariwe impunzi. Mu vyo basaba, kwari uko agateka kabo kokwubahirizwa, ariko rero ivyo vyose vyaciye bikurwa ku rutonde rw’amajambo bari gushikiriza.

Ibindi bisa n'ibi