Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/06/2022

Publié le 24 juin 2022 par Rédaction
I. Ubwoba ni bwinshi mu bateshejwe izabo inyuma y’ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1993 bahungiye muri site ya Mwaro Ngundu, iri muri komine ya Makebuko mu ntara ya Gitega. Abo bahungiye muri iyo site bavuga ko hari imachine zica amabarabara zimaze kuzanwa muri iyo site, kugira zizokore ico gikorwa. Bakabona ko ari umugambi wo kubakura muri iyo site. Basaba kwubahirizwa mu gateka kabo.
II. Intwaro ya CNDD-FDD ifise umugambi wo kuzimanganya amasura y’ubwicanyi bwakozwe mu mwaka w’igihumbi kimwe n’amajana icenda na mirongo icenda na gatatu. Ivyo bishikirizwa na Dr. Emmanuel Nkurunziza arongoye ishirahamwe ryishinze kurwanya ihonyabwoko, AC-Génocide, igisata ca Canada. Ku bwiwe, gushaka kwimura abacitse kw’icumu bo muri site y’i Mwaro Ngundu iri muri komine ya Makebuko mu ntara ya Gitega, ngo ni umugambi wa leta ubandanya, wo kunigira mu menshi ukuri ku vyabaye mu mwaka 1993.
III. Ibikorwa vyose vyahagaze mu gisagara ca Rumonge harimwo n’amashure, abana ntibakoze ibibazo vyari bitegekanijwe. Imvo n’uko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yazindutse agendera iyo ntara. Abanyagihugu baho bategekwa n’imigwi y’imbonerakure kuja mu nama y’umukuru w’igihugu. Abanyagihugu bakaba banegura iyo ngendo, kuko yabahungabanije mu bikorwa bari bategekanije kurangura kuri uno musi wa gatanu.
IV. Amakenga ni menshi mu bigisha bo kw’ishure ryisumbuye rya Mabuye muri komine n’intara ya Rumonge. Batinya ko bazohava bakwa itongo bahawe na leta mu mwaka wa 2006. Iryo tongo ry’ama hegitari 8, bararyubatsemwo, ubu bakaba ari ho baba. Abo bigisha bavuga ko batumva ingene abagabo babiri bashaka kubanyaga iryo tongo bitwaje iterabwoba, mu gihe bemeza ko barihawe na Leta.
V. Igenekerezo rya mirongo ibiri na kane ruheshi uko umwaka utashe, ni umunsi mpuzamakungu witiriwe uruhara rw’abakenyezi mu bijanye n’imigenderanire. Iyo ngingo ikaba yafatiwe mu nama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu ntango z’ino ndwi. Iyo ngingo ikazotuma abakenyezi baja ku rwego rumwe n’abagabo mu bijanye no gufata ingingo muri iryo shirahamwe.
VI. Abakozi b’ishirahamwe rijejwe gucungera umutekano Alpha Security Company ASEC, baridogera ubuyobozi bw’iryo shirahamwe. Bakavuga ko bamaze amezi abiri bataronswa agashahara kabo. Banegura kandi ko ubwo buyobozi budatanga ukwo bikwiriye intererano y’integabizoza y’abakozi mw’ishirahamwe INSS, nk’uko biri mu masezerano y’akazi. Abo bakozi basaba kurenganurwa.

Ibindi bisa n'ibi