I. Kuri uyu wa gatanu ni ho Uburundi bwahimbaza imyaka 60 iheze buronse intahe yo kwikukira, ibirori bikaba vyabereye mu kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi mu gisagara ca Bujumbura. Mw’ijambo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye ashikirije, avuga ko ashimishwa no kubona abarundi bahunze igihugu bariko baratahuka ku bwinshi, kandi bakirwa neza n’abasangwa. Aranavunira akagohe abari mu bisagara ata kazi bafise gusubira iwabo ku mamuko.
II. Bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba ngo barashima intambwe Uburundi bwateye, naho hari ibimenyetso vyinshi bicerekana ko umunyagihugu w’Uburundi atararonka ubwigenge nk’uwikukiye. Kuri bo ngo abategetsi b’ubu bari bakwiye kuvavanura n’ingendo y’amacakubiri, kugira ngo batsimbataze iryo ragi ryo kwikukira. Bamwe mu banyagihugu baganiriye na radiyo Inzamba.
III. Abarundi ngo bahimbaze intahe yo kwikukira bashishoza ko ubutegetsi bwa CNDD-FDD bupfukamye mu nda igihugu, mu kutubahiriza iragi ry’uwiguze ukwikukira kw’Uburundi umuganwa Rudoviko Rwagasore. Uko ni ko bishikirizwa na Karori Nditije arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi. Asigura ko umugambwe uri ku butegetsi waciyemwo imice abarundi, bamwe urabangaza mu kubita ko ari abansi b’igihugu.
IV. Mw’ijambo yashikirije kw’igenekerezo rya 18 ukwezi kw’icenda umwaka wa 1961 igihe umugambwe wiwe UPRONA wari uhejeje gutsinda amatora, uwiguze Uburundi mu rugamba rwo kurondera intahe yo kwikukira yahamagariye abarundi bose gukomeza ubumwe n’urukundo, kugira bashobore kwitunganiriza kazoza k’igihugu cabo.
V. Impunzi zo mw’ikambi ya Meheba mu gihugu ca Zambia zivuga ko zifise ingorane zo kwivuza. Ivyo bikava ku bukene bw’amavuriro n’abaganga, kuko kuri atatu ari muri iyo kambi, imwe yo nyene ari yo ikora. Muri iryo vuriro, umuforoma umwe wenyene ni we yaciye ku ntebe y’ishure. Hagize abarungikwa kuvurirwa ahandi kubera iryo vuriro ritaba ribishoboye, bashobora kumara amezi arenga abiri batararonka ingene bashikayo, kubera ubukene bwa rusehabaniha.