I. Mw’ijambo ryo kwibuka imyaka 60 Uburundi bwikukiye, umukuru w’igihugu yasavye amakungu ko atoza aragumana incabwenge z’abarundi mu muhanga, ko zotahukanwa nyabuna kwubaka igihugu cabo. Kubw’umushingwamanza Me Janvier Bigirimana, ngo umukuru w’igihugu yasavye amananiza kuko incabwenge z’abarundi ziri mu mahanga zidashobora gutahukanwa nk’imbohe, kandi ko ibihugu babamwo babibayemwo hakurikijwe amategeko. Uyo arongoye ishirahamwe Tournons la page mu gifaransa, avuga ko mu Burundi, intwaro ya CNDD-FDD mu gutanga ubuzi itaraba ubuhinga ahubwo ishira imbere ubwoko n’imigambwe.
II. Imyidogo ni myinshi mu barimyi b’umuceri muri segiteri Nyamabere komine Mpanda mu ntara ya Bubanza. Bidoga bavuga ko bariko batangishwa amatagisi batari bamenyereye, aho basabwa gutanga amafranga 1500 ku mufuko bimbuye. Bavuga ko bagiye gukora bahomba, kuko ay’inyungu baziga azotwarwa n’ayo matagisi.
III. Hari imyidogo mu bahungutse bivuye ku kutaronswa ivyo bavuga ko bemerewe bagihunguka. Haraheze umwaka bamwe muri bo bahungutse. Bavuga ko abajejwe intwaro bari babemereye kuzobaha ibibafasha gusubira kumenyera kubaho, ariko ko ata vyo baronse. Basaba gufashwa kugira na bo bashobore kwiteza imbere mu kubaho mu buzima bwa misi yose.
IV. Ikigabane Kw’isôko c’uno munsi kiza gushimikira ku ngingo yo gukura abana n’abakuze basegereza mu gisagara ca Bujumbura, ingingo yafashwe na leta ibicishije mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda.