I. Abagabo babiri umwe wo muri komine Ngozi, uwundi wo muri komine Marangara, baraye bitavye Imana mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere buca ari ku wa kabiri, umwe akaba yarishwe uwundi na we akaba yatowe yenena ku mugozi. Mu gipolisi i Ngozi bakavuga ko amatohoza yatanguye kugira hamenyekane icateye izo mpfu.
II. Abantu babiri bagizwe n’umuhungu na se bo muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba, baraye bahagaritswe bagirizwa gutwara umwana w’imyaka cumi n’ibiri mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru dukura muri iyo komine, avugako uwo mwana atarasubira kuboneka haraheze imyaka yababa umunani. Abarongoye intwaro muri iyo komine, bakaba barabakingiye ikibaba iyo myaka yose, naho umuryango w’uwo mwana wagumye ubatabaza.
III. Nta cizere na kimwe kigisigaye c’uko leta y’Uburundi yemera gukorana n’intumwa ya ONU ijejwe gucungera no gutanga icegeranyo ku kugene agateka ka muntu kifashe mu Burundi. Mu nama yo ku wa 29 Ruheshi y’ibihugu bigize uwo muryango w’ishirahamwe mpuzamakukungu ujejwe agateka ka muntu, uwuserukira Uburundi yagirije uwo muryango ko wivanga mu bibazo vya politike y’Uburundi. Mw’ishirahamwe Human Rights Watch babona ko leta y’Uburundi ata gushaka na guke ifise kwo kugwanya amabi akorerwa kiremwa muntu mu gihugu.
IV. Leta y’Uburundi iriko yikwegera ibihano ishobora gufatirwa n’amakungu mu kwanka gukorana n’iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu vy’agateka ka zina muntu. Bivugwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima aharanira agateka ka zina muntu. Abona ko iyo nyifato ya leta iteye agahinda.
V. Amaritiro arenga ibihumbi bibiri vy’igitoro yarafashwe n’igipolisi mu ntara ya Rumonge mu ndwi iheze. Ico gitoro kikaba cari cinjiye kuri magendo. Abanyagihugu bakaba bibaza ko ari co gica kigurishwa kuri magendo. Ngaho muri iyo ntara kuva ibarabara rikuru rya Bujumbura-Rumonge ricitse haraciye indwi zibiri, nta n’ima ry’igitoro riharangwa.
VI. Ubwato bukoreshwa mu kwunguruza abantu ahacitse ibarabara ku mutumba Rutunga wa komine Muhuta mu ntara ya Rumonge, bwaratemvye mu mazi kuri uyu wa mbere. Amakuru ava mu Rutunga avuga ko ata muntu yahasize ubuzima, ariko ko amasandugu 8 y’amafi yasanzaye hamwe n’ibikoresho vy’ingenzi vyononekaye. Abahora bakoresha ibarabara rya Bujumbura-Rumonge bavuga ko kuva ricitse hari abaciye bikika mu kiza mu kubuza abarengana n’amaguru, kugira bace mu bwato buba buriha amafranga ku bajejwe intwaro n’umutekano. Ivyo abanyagihugu baho mu Rutunga biyamiriza, bagasaba ko vyohagarara.
VII. Inyuma y’ikiringo cababa umwaka amashirahamwe ahurikiye mu ma koperative yimba inzahabu ahagaritswe mu ntara ya Muyinga, ayo mashirahamwe yaraye asubiye kuronswa uburenganzira bwo gusubira gucukura inzahabu mu ma komine ya Butihinda, Muyinga na Gasorwe, y’intara ya Muyinga. Buramatari w’intara ya Muyinga, Jean Claude Barutwanayo, agasaba ayo mashirahamwe gucukura inzahabu yisunze amategeko. Akabasaba kuvavanura n’ingendo mbi yaranze amashirahamwe amwe amwe yo gushora inzahabu, baciye mu nzira z’ibinywabi. Ama koperative co kimwe n’amashirahamwe mpuzamakungu acukura ubutare, akaba yari yahagaritswe na Leta mu kwezi kwa Mukakaro k’umwaka uheze, mu ntumbero yo gutunganya gushasha igikorwa co gucukura ubutare.