I. Ihohoterwa rya kiremwa muntu, kutaronswa uburenganzira bwo kuvuzwa, ubukene bw’imfungurwa mu mabohero hamwe n’ingingo za sentare zidashirwa mu ngiro, ni vyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi co kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika muri Ruheshi uno mwaka. Jean Claude Ntiburumunsi arongoye igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, bimwe mu vyo asaba leta harimwo kwubahiriza uburenganzira bw’abanyororo mu kubavuza no kubaronsa ibifungurwa bikwiye.
II. Umwigisha wo muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, arapfungiwe mu gasho k’inyamiramabi k’iyo komine kuva kuri uwu wa kabiri. Yagirizwa kwibira ibibazo abanyeshure no gutoza abavyeyi ibiturire. Amakuru ava mu begereye igisata c’indero muri iyo komine avuga ko hoba hariko hageragezwa gufukafuka iyo dosiye, kubera ari mu mugambwe CNDD-FDD. Abavyeyi barereye kw’ishure yakorako bakaba basaba nyabuna ko uwo mwigisha yohanwa vy’akarorero.
III. Amakenga ni yose ku banyagihugu bafise amatongo ku mitumba yakozweko n’umugambi wo kwubaka urugomero ku ruzi Kirasa muri komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge. Abo banyagihugu bavuga ko bibwe amafranga y’umuzibukiro. Abarongoye iyo komine n’intara ya Rumonge baradomwako urutoke muri ubwo bunyonyezi.
IV. Ibiciro vy’ibinyobwa vya Brarudi vyaradugijwe mu gisagara ca Rumonge kubera ko ibarabara rihuza igisagara ca Bujumbura n’igisagara ca Rumonge rimaze indwi zibiri ryaracitse. Abanyagihugu bo mu Rumonge bavuga ko iduzwa ry’ibiciro ku bintu vya nkenerwa, bituma ubuzima buzimba kurusha ukwo vyahora. Basaba ko iryo barabara ryosanurwa, imigenderanire hagati y’intara yabo n’igisagara ca Bujumbura igasubira uko vyahora.
V. Uruhusha rudasanzwe rwo kubaga ibitungwa rwahawe umuryango w’aba Islamu mu Burundi COMIBU. Vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Ku bwa Serge Nkurunziza, ngo icatumye batanga urwo ruhusha, ngo n’uko uwo muryango w’aba Islamu wabisavye ushimitse. Asaba abagize uwo muryango gukurikiza ibisabwa vyose, nk’uko uwo muyobozi mukuru abishikiriza.