I. Abantu batunzwe no gusegereza bagera ku 290 ni bo bafashwe mu gisagara ca Bujumbura kuri uno wa kane. Muri bo, harimwo abakuze 200 n’abana 90. Iryo sekeza ryo gufata abo bantu, ryakozwe n’abakozi b’ubushikiranganji butatu, ubwo gufatana mu nda, ubujejwe intwaro yo hagati hamwe n’ubw’ubutungane. Félix Ngendabanyikwa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, yavuze ko ico gikorwa gifise intumbero yo gutuza burundu ingeso yo gusegereza, kandi ko abakuze bafashwe bazoshikirizwa ubutungane kuko gusegereza ari icaha. Abana nabo, barungikwe mu miryango yabo.
II. Félix Ngendabanyikwa, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda, amenyesha kandi ko abafasha abo bantu mu kubaha amahera, na bone bazofatwa kuko ngo bashobora kuzoba bariko barafasha abagizi ba nabi.
III. Bamwe mu banyagihugu bavuganye na radiyo Inzamba kuri ico gikorwa cabaye co gukura abantu basegereza mw’ibarabara, bavuga ko ico gikorwa kitatunganijwe neza kuko hari hakwiye kuba hari ibigo vyateguwe vyakira abo bavanye mw’ibarabara kugira bafashwe.
IV. Amakenga ni menshi mu begereye umuryango w’umunyagihugu Phocas Ntakirutimana, kuko inyuma y’amezi umunani afashwe n’abantu bari bambaye umwambaro w’abajejwe umutekano, kugeza ubu ntibarasubira kumukubita ijisho canke ngo bamenyeshwe aho yoba yarajanywe. Phocas Ntakirutimana yaba ku mutumba Gomvyi wa komine Mutambu mu ntara ya Bujumbura. Umusi afatwa mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, abamufashe babanje kuvugana n’umukuru w’umutumba. Mu muryango wiwe, basaba kumenyeshwa aho uwabo yoba yarajanywe, bamenyeshwe n’ivyamushikiye.
V. Abanywanyi b’amakoperative Sangwe bivye amahera bahawe y’ingurane ngo bakore umugambi wo kwiteza imbere ku mitumba iwabo, bategekwa n’umukuru w’inama nkenguzamateka, Emmanuel Sinzohagera, kuyariha vuba bwango atakirinze gusabwa. Ako kamo yagateye mu biganiro ariko agirana n’abarongoye ubuzi, abarongoye intwaro n’abatowe ku mitumba, muri buri komine mu ntara ya Muyinga, mu ntumbero yo kubibutsa akarangamutima k’indongozi nyayo. Ku batazoyasubiza na bo, asaba ba musitanteri kubaboha mpaka bayasubije. Mu ntara ya Muyinga, amakoperative Sangwe yaronkejwe ingurane y’iterambere arenga 200, menshi muri ayo akaba atagifise umutahe w’imiliyoni 10 zatangwa kuri buri mutumba.