I. Abantu 2 barakomerekejwe n’umusirikare mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu w’indwi iheze, ku mutumba Martyazo muri komine Vugizo. Nk’ukwo amakuru ava ngaho ku mugwa mukuru wa komine Vugizo abivuga, ngo iryo bara ryabaye inyuma y’impari zadutse hagati y’uwo musirikare akorera mw’ikambi ya Gikuzi iri ngaho i Vugizo hamwe n’abanyagihugu bari mu kirabo igihe c’isaha 4 z’ijoro. Uwo musirikare akaba yahavuye aca aja gutora inkoho mw’ikambi, yagarutse acucagira amasase mu bari ngaho, amasase afata 2, umwe nawe akomereka ariko arahunga. Abakomeretse baciye baja kuvurirwa ku bitaro biri ku mugwa mukuru wa komine Mabanda. Uwo musirikare nawe akaba yaciye ajanwa mu gasho k’igipolisi muri komine Vugizo.
II. Haribonekeza ubunyonyezi bw’amatungo ya leta muri komine Kiremba mu ntara ya Ngozi. Musitanteri w’iyo komine yagirizwa kugurisha amatongo ya leta hamwe n’amazu ya koperative. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragabishije uwo musitanteri wa Kiremba mu ndwi iheze. Ariko, amakuru ava i Ngozi akaba avuga ko uwo musitanteri yoba ashigikiwe n’ibihangange mu mugambwe uri ku butegetsi mu ntara ya Ngozi, ari na co gituma atarakomwakomwa kuva mu mwaka uheze.
III. Umukuru w’umugabwe CNL, umushingamateka Agathon Rwasa, ati ivyo vyose biba kuko abarongoye umugambwe uri ku butegetsi, bitiranya umugambwe n’igihugu. Ibibazo komine ya Kiremba ifise muri bino bihe biterwa aha nini n’ukwo yagiye irarongorwa n’abantu batigeze bitaho ineza y’abanyagihugu barongoye. Ahubwo ngo bakorera inyungu zabo n’iz’umugambwe CNDD-FDD baturukamwo. Agathon Rwasa CNL asanzwe avuka muri iyo komine ya Kiremba. Hari ejo ku musi w’Imana igihe hariko hugururwa ingoro y’uwo mugambwe CNL ku mutumba wa Camugani uri muri komine n’intara ya Ngozi.
IV. Kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere ibarabara RN3 rihuza igisagara ca Bujumbura n’intara zo mu bumanuko rirahita. Iryo barabara ryari rimaze ikiringo kirenga indwi zibiri ritarengana, bivuye ku musozi wasenyukiye mw’ibarabara mu gice c’umutumba Rutunga. Ni muri zone Gitaza ya komine Muhuta, intara ya Rumonge. Ikena ry’ibidandazwa bimwe bimwe mu ntara ya Rumonge k’ukubura aho bica, umuruho w’abiyunguruza n’iduzwa ry’ibiciro, ni bimwe mu vyari biruhishije abakoresha iryo barabara, ubu biruhutsa.
V. Abarimyi bo muri komine Mukike mu ntara ya Bujumbura, baridogera ishirahamwe FOMI rikora ifumbire. Bavuga ko haheze amezi atandatu batanze amahera yo kugura umwavu, ariko gushika n’ubu nta na mukeya bararonswa. Ikibatangaza, n’ukwo bariko bakwa ayandi mahera, mu gihe n’aya mbere barishe batarabaha umwavu. Ubu naho niyo habonetse na mukeya, abawuronswa ni abarima mu myaba gusa. Basaba Leta gutorera inyishu ico kibazo, ikiringo catanzwe kikubahirizwa.
VI. Kw’igenekerezo rya cumi na rimwe Mukakaro, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry’abantu. Uyo munsi ugeze haharurwa mu Burundi ibice mirongo ine kw’ijana (40%) vy’abantu bafise ibibazo vyo gufungura, nk’uko ikigo ISTEEBU giheruka kubimenyesha. Ku bw’umuhinga mu vy’ubutunzi arongoye ishirahamwe PARCEM, Faustin Ndikumana, leta ikwiye kwihutira gushinga politike iraba ivy’abanyagihugu, aho umurundi wese abona akarusho mu buryo bwo kwibeshaho.
VII. Mu mupira w’amaguru, umugwi w’abigeme w’Intamba, waraye usezeye amahiganwa warimwo mu nkino z’igikombe ca Afrika ziriko zibera muri Maroc. Muri Basket, ihiganwa ku rwego rw’igihugu ryarabandanije. Na yo mu mupira w’amaboko Volleyball, baraye binjiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma c’ihiganwa.