I. Abanyeshure barenga ibihumbi 54 (54.000) ni bo batanguye gukora kuri uyu wa kabiri ikibazo ca leta kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure ya kaminuza. Ico kibazo cakorewe mu bibanza 106 mu gihugu cose. Bishikirizwa na François Havyarimana, umushikiranganji w’indero aho yari yishikiye mu ntara ya Makamba gutanguza icese ico kibazo. Uyo mushikiranganji avuga ko muri rusangi ico kibazo catanguye neza mu gihugu cose kiretse udukosa dutoya twibonekeje.
II. Imyidogo ni myinshi ku bavyeyi barereye kw’ishure shingiro rya Minago, ECOFO Minago, iri mu ntara ya Rumonge. Abo bavyeyi bagasaba gukomorerwa amafranga yatanzwe n’abanyeshure kugira arangure imigambi itandukanye, yari yasabwe n’umuyobozi w’iryo shure, ariko ntishirwe mu ngiro. Abo bavyeyi bagiriza umuyobozi kuba yaragize uruhara mu kuyanyuruza.
III. Amajambo umukuru w’igihugu avuga ntaheze ngo ajane n’ingiro nta kamaro aba afise. Bivugwa n’umushingwamanza Dieudonné Bashirahishize ari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike. N’inyuma yaho mu ndwi iheze umukuru w’igihugu yasavye imbere y’abanye Ngozi ko hoba itohoza kw’inyuruzwa ry’amafranga ya leta muri komine Kiremba y’iyo ntara, anasaba ko binakenewe musitanteri avyagirizwa yobogozwa. Kubwa Dieudonné Bashirahishize, umukuru w’igihugu yarakwiye ahubwo guharuka agatuza abo bose basahura igihugu aho kuguma akoresha gusa amajambo yo kuryosharyosha abanyagihugu.
IV. Me Dieudonné Bashirahishize aribaza kandi nimba umukuru w’igihugu afise koko ugushaka kwa politike mu gutuza ba kaboko. Ati ntawovyizera.
V. Uruja n’uruza rwasubiye uko rwahora inyuma y’iyugururwa ry’ibarabara Rumonge-Bujumbura ryari rimaze indwi zitatu ridahita. Abarikoresha muri Rusangi bakaba bashima, kuko ibicuruzwa bigiye gusubira kubashikira ku mafranga make.
VI. Imyidogo ni myinshi ku baguzi bo mu ntara ya Muyinga, bihereza ibinyobwa bikorwa n’ishirahamwe Brarudi hamwe n’abakoresha isukari. Iyo myidogo ituruka kw’iduzwa ry’ibiciro vy’ivyo bidandazwa ku rugero rwo hejuru, nk’uko amakuru dukura aho i Muyinga avyemeza.
VII. Mu ntara ya Makamba naho, abanyagihugu bo muri komine Mabanda baridoga ko muri iyo komine hakorwa urudandanzwa rwa magendo ruhagarariwe n’abajejwe intwaro n’igipolisi. Urwo rudandanzwa aha nini ni urw’inzoga za Brarudi zijabukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, isukari nayo irakenye cane kuko itangwa ku kimenyane, co kimwe n’urudandazwa rw’isima.