I. Kuri uyu wa mbere, Sentare y’iyungururizo ya Ntahangwa yashashe mu ntara ya Bubanza, aho yariramutse yihweza ivyasabwe n’ababuranira abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru wacu. Bose ukwo ari bane n’umushoferi wabo bakaba bari kumwe n’abababuranira, bikaba bitegekanijwe ko ingingo ya sentare y’iyungururizo izosomwa inyuma y’amasaha mirongo ine n’umunani (48), n’ukuvuga ku musi wa gatatu. Tubibutse ko uno musi ugize uwa 28 abamenyeshamakuru Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana n’umushoferi w’ikinyamakuru IWACU Adolphe Masabarakiza bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati, mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru babanje guhagarikwa baja gufungirwa mu gasho ka komine Bubanza, hanyuma bungururizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza,e igenekerezo rya 26 ukwo kwezi nyene. Bakaba bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.
II. Abasirikare b’igihugu barenga ijana bari ku kirindiro I Marura mu kibira, baratewe mw’ijoro ryo kuri uno wa gatandatu uheze rishira uw’Imana. Inyuma yico gitero, abasirikare barenga 60, nta n’umwe kugeza ubu azi irengero ryabo. Amakuru radio Inzamba ifise ikura mu biro bikuru vya gisirikare yemeza ko uwararongoye ico kirindiro major Ngomirakiza yahasize ubuzima.
III. Abagabo babiri barakomereketse, barashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye, mu gitero cabereye muri quartier ya gatatu muri zone ya NGAGARA, ni mu buraruko bwa komine NTAHANGWA. Nk’ukwo bimenyeshwa n’abegereye ahabereye ubwo bukozi bw’ikibi, inyuma y’ico gitero, igipolisi caciye gihagarika igitigiri c’abantu kitaramenyekana, kigizwe n’ababa mu micungararo n’abariko bararengana.
IV. Abantu babiri, baraye bakomeretse mu busuma bw’abitwaje inkoho ku muhana w’umudandaza mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu muri Tanzaniya mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana rishira uwa mbere. Bakaba babaye abantu bane, bakomerekejwe n’abitwaje ibirwanisho mu kiringo kiri musi y’indwi.
V. Ingingo z’agasakisaki ziriko zirafatwa n’ubutegetsi bwa Tanzaniya ku mpunzi z’abarundi bahungiye muri ico gihugu, n’izo kwiyamiriza kuko ziteye kubiri n’amategeko mpuzamakungu akingira impunzi. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, yanonosoye amategeko. Aho n’inyuma y’aho komiseri ajejwe impunzi muri ico gihugu, yagendeye amakambi ya Nyarugusu na Nduta, aho yabahimiriza gutaha bigikunda, kuko hari igihe bitazoba bigishoboka. Umushingwamanza Janvier Bigirimana, agasaba amakungu gukora ibishoboka vyose kugira ngo ikibazo c’izo mpunzi gitorerwe umuti.
VI. Umunywanyi w’umugambwe CNL muri komine Nyamurenza, ni mu ntara ya Ngozi yafashwe n’abapolisi mu gatondo ko kuri uno wa mbere. Ni mu gihe ata mutahe wo kumufata bari bafise. Ubu akaba afungiwe aho mu gasho k’iyo komine nyuma yo gukubitwa.
VII. Kuri uno wa kabiri Uburundi buzotana mu mitwe na Maroc, isaha icenda ku kibuga citiriwe Intwari. Umumenyereza Olivier Niyungeko, amenyesha ko biteguye neza kugira barondere intsinzi, agasaba abarundi bose gushigikira igihugu cabo.