I. Ibiro bikuru vya gisirikare c’Uburundi, ntivyatevye gukoranya inama abasirikare bo mw’i bataillon ya 50, yiteguriwe kurungikwa mu kibira. Muri ico kiganiro co kuremesha abasirikare cabereye mw’ikambi ya GAKUMBU, lieutenant général Prime NIYONGABO yasavye ko abasirikare bofatana mu nda muri kino gihe.
II. N’intambwe ikomeye igisirikare c’Uburundi caraye kigize mu kwemanga ko abasirikare baco batewe mu Kibira. Uwujejwe igisata co kumenyesha amakuru, akaba yaraye abivugiye kuri televisiyo y’igihugu mu gihe ku bindi bitero vyahora biba, cahora citeza utunyoni, igipolisi kikaba arico caseruka, kikavuga ko ari imigwi y’abasuma, nkuko vyaheruka kuba igihe umugwi w’abitwaje ibirwanisho watera mu ntara ya Bubanza mu kwezi kwa Gitugutu.
III. Ama camiyo agera kuri atanu, y’abasirikare bitwaje inkoho zikomakomeye, niyo yinjiye ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere mw’ishamba cimeza rya Kibira, ku ruhande rwa komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke, bagiye guhangana n’abarwanyi bavugwayo. Abanyagihugu begereye iryo shamba cimeza batunze telefone, barazatswe bagirizwa ko aribo batanga amakuru ku vyerekeye ico gitero kimaze imisi.
IV. Igipolisi cazindutse cugarije ikaritiye 7 ya Ngagara, iri muri komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, kuva igihe c’isaha cumi n’imwe z’agatondo. Abantu bagera kw’106 bakaba bahagaritswe n’igipolisi, begeranirizwa hamwe kw’ibarabara rya Buconyori. Muri bo, 4 bakaba baciye bajanywa n’ico gipolisi, gushika ubu akaba atawuramenya irengero ryabo. Ababibonye, bakaba bamenyesha ko bafise ubwoba ko bashobora kugirirwa nabi. Radio Inzamba twagerageje kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ngo agire icavuze kuri aba bafashwe, ariko ntitwashoboye kumuronka.
V. Uburundi kuri uno wa kabiri buhejeje gutsindwa n’umugwi wa Maroc vyoroshe cane ku bitsindo 3 ku busa bw’umugwi w’Uburundi. Igice ca mbere caheze abakinyi bâ Olivier Niyungeko batsinzwe ibitsindo 2, icagatatu kikaba cabonetse mugice ca kabiri c’urukino. Inyuma yo gutsindwa na Centrafrique ibitsindo bibiri, Uburundi bufise amanota ubusa kuri atandatu bikaba bigoye cane rwose ko Intamba mu Rugamba zisubira mu gikombe ca Africa kizobera muri Cameroun mu mwaka 2021.
VI. Amabi yakorewe Abarundi kuva mu mwaka w’2004, niyo azirwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umwe mu baburanira imiryango yabuze ababo kuva mu mu 2015, hadutse indyane za politike mu Burundi. Avuga kandi ko atawokwitwaza amabanga ajejwe yibaza ko atazofatwa. Abivuze mu gihe amashirahamwe aburanira iyo miryango, ari mw’isekeza ry’imisi 90 yo guhimiriza ababuze ababo gushira ahabona ivyemezo.
VII. Haribonekeza ubukene bw’utuzu twasugumwe mu gisagara ca Rumonge mu bice bitandukanye. Bamwe mu bakurikirana ikibazo c’isuku, bakabonako bishobora kuba arivyo bituma hibonekeza indwara zituruka kw’isuku rike muri ico gisagara. Ivyo biri uko, mu gihe kw’igenekerezo rya cumi n’icenda za kuno kwezi ari umunsi mpuzamakungu wahariwe utuzu twa surwumwe.