I. Urunani mpuzamakungu rw’abamenyeshamakuru FIJ, ruvuga ko rubabajwe n’igumizwa mw’ibohero ry’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru Iwacu. Iyo ngingo yo kubagumizayo yaraye ifashwe na sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, ari nayo yafashe ingingo yo kurekura umushoferi barikumwe. FIJ ibona ko atamvo iriho ituma baguma bafunzwe, igasaba ko bosubira kwidegemvya. Ernest SAGAGA ajejwe igisata c’agateka ka zina muntu hamwe n’umutekano w’abamenyeshamakuru muri FIJ.
II. Amazu agera kuri 264, niyo amaze amajoro abiri asigwa imisalaba, ayandi ashushanywako amasandugu, aho ni kumitumba yose igize komine Busiga, mu ntara ya Ngozi. Kubw’umunyagihugu yaganiriye na radio Inzamba, iyo misalaba n’ayo masandugu, bikaba vyashushanywe ku mazu y’abanywanyi ba CNL, ba Uprona hamwe n’abo bita ibipinga batari mu migambwe.
III. Mu gihe igisirikare c’u Burundi kibicishije ku muyobozi w’igisata co kumenyesha amakuru Emmanuel GAHONGANO, kimenyesha ko bagize igitero giheruka kuba muri komine ya Mabayi ahitwa i MARURA mu ntara ya CIBITOKE, baje bava mu gihugu c’u Rwanda; ngo igihugu c’u Rwanda, nta nyungu igaragara gifise kugira gitere ibirindiro vy’igisirikare c’uburundi. Nimba uyu musi igisirikare kiriko kiraterwa n’imigwi yitwaje ibirwanisho, insiguro n’uko hatangujwe ibiganiro kuva mu mwaka w’2015 ariko leta ikaba intambamyi. Uyo n’umwihwezo wa Méthode Ndikumasabo, yahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’uBurundi, akaba kandi yize ivyigwa bijanye n’amategeko. Ku bwiwe, leta kumwe n’abayishigikira nta kuri bafise mukwagiriza ibihugu bibanyi kuko barabizi nabo nyene ko hari imigwi y’abarundi yamenyesheje ko igiye gufata ibirwanisho kandi igiye kurwanya leta.
IV. Ku bwa Petero-Claver Nahimana arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU, kurwanya umwansi ateye igihugu ntibikwiye, ahanini leta itegerezwa gutunganya ikanywanisha abarundi bari hagati mu gihugu n’abahungiye hanze y’igihugu, gurtyo hakaboneka umuti urama urandurana n’imizi izo ntambara zidahera .
V. Abakenyezi b’impunzi barenga 20 bakoraniye hamwe kuri uyu wa kane mu nyigisho zizomara iminsi 2. Ishirahmwe ACAT Burundi riharanira agateka ka zina muntu, akaba ariryo ryatunganije iyo nama mu ntumbero yo kurabira hamwe amategeko n’amabwirizwa aranga umukenyezi ari mu buhungiro. Abari muri iyo nama bakaba bashima izo nyigisho bavuga ko zije hageze.