I. Alice Ntahokagiye amaze imisi 2 atowe ikiziga hafi y’ibigo vya SODECO, yiciwe ku rugo rwa Général Isidore Ndihokubwayo ruri muri quartier y’icenda ya zone ya Ngagara, imbere yuko aza gutabwa muri ico kibanza. Amakuru radiyo Inzamba yatohoje, yemeza ko uwo mukenyezi yakubiswe buyoka n’abajejwe gucungera ubuzima bw’iyo ntwazangabo mu gipolisi, gushika naho acikana.
II. Umunywanyi wa CNDD-FDD akaba yaheruka kubogozwa ku burongozi bw’umutumba Butezi akekwa kwica umunyagihugu, yaraye arekuwe. Ariko rero iryo rekurwa ryiwe riteye amakenga abanyagihugu. Butoyi Vincent yarekuwe inyuma yaho umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Rutana yankiye ko ajanwa mw’ibohero rikuru rya Rutana, ku mvo z’umutekano wiwe. Ico batinya n’ukwo abo yapfungishije abarenganije bari muri iryo bohero bari guhava bamugirira nabi.
III. Ibikorwa vyo kwubaka urugomero Jiji-Murembwe vyahagaze mu gitondo co kuri uyu wa gatatu. Vyatewe n’ukwo abanyagihugu basaba igice kigira 2 c’umuzibukiro bazindutse bazibira ibarabara rija kuri urwo rugomero, biraheza bituma imiduga yunguruza abakozi idashobora kubashikana aho bakorera. Inzira yahavuye iboneka inyuma y’ibiganiro vyahuje abo banyagihugu n’uwujejwe gukwirikirana ibikorwa vyo kwubaka urwo rugomero. Bakaba bahavuye bumvikana ko uwo muzibukiro bazowuronswa igenekerezo rya 20 kigarama uwu mwaka, nk’ukwo bivugwa n’abo basaba umuzibukiro. Mwomenya ko abo banyagihugu basaba umuzibukiro barenga 100, bakaba basaba amafranga agera ku miliyoni 30.
IV. Haraciye indwi zibiri abanyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge ata mazi bafise. Ababa muri ico gisagara bakaba bikora ku mazi y’ikiyaga Tanganyika no kumazi y’imvura. Bafise ubwoba ko bashobora kwandura indwara zifatiye kw’isuku rike.
V. Imyidogo ni myishi mu bigisha n’abayobozi bakorera mu mashure ari mu ma komine amwe amwe ategereye ibisagara, mu ntara ya Rumonge. Bagiriza umuyobozi w’indero muri iyo ntara kwimurira ku mashure yo mu gisagara abigisha bamwe bamwe, mu gihe hari amashure abakenye cane. Bagasaba ko iyo ngendo yohagarara bose bagafatwa kumwe.
VI. Igihugu ca Maroc caraye kironse uburenganzira bwo kuja mu gice ca kane gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe c’isi yose, mu mupira w’amaguru, ziriko zibera mu gihugu ca Qatar. Maroc ikaba yirahiye Espagne bageze mu ma penalty; ikaba kandi ari co gihugu conyene mu vyari vyaserukiye Afrika kikiri mw’ihiganwa.