Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/12/2022

Publié le 8 décembre 2022 par Rédaction
I. Ibiziga vy’abasirikare 14 n’abakomeretse 17, baratahukanywe mw’ijoro ry’uwa mbere ushira uwa kabiri muri iyi ndwi. Abo basirikare bakaba baguye mu ntambara mu buseruko bwa Congo mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko, hamwe n’umuhari FNL wa Aloys Nzabampema. Ku ruhande rw’abasirikare bakaba bavuga ko bakuye abarwanyi b’uwo muhari muri kimwe mu birindiro barimwo, aho bavuga ko hari abarwanyi bakomeretse n’abahasize ubuzima, n’aho ata bitigiri batanga.
II. Imiryango iguma ibura abayo bishwe ku mugaragaro irafise amakenga ko ubutungane ataco buzobafasha. Bivugwa na bamwe mu baheruka kubura ababo. Babivuga bisunze ko abishwe muri bino bihe vya vuba, bagandaguwe n’abantu bazwi, inzego z’intwaro n’iz’umutekano zirorera, ariko ababikoze bakaguma bidegemvya.
III. Hari umupfasoni wo mu Kirundo yataka atakambira umushikiranganji wa Mbere yari yagendeye iyo ntara ko yomufasha kugira aronke ubutungane. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yamurungitse kwitura buramatari w’intara ya Kirundo.
IV. Umuhari Inamahoro, w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uriyamiriza ubwo bwicanyi bwasubiye kwimonogoza mu bice bitandukane vy’igihugu. Marie Louise Baricako arongoye uwo muhari, ababazwa n’ingene benshi mu bakora ubwo bwicanyi bari mu bari bategerezwa kwubahiriza umutekano w’abanyagihugu. Ahamagarira abategetsi b’igihugu kuva mu majambo asosa bakaja mu bikorwa, kugira barwanye ukudahana kwasasiwe indava mu gihugu.
V. Musitanteri wa komine Buyengero mu ntara ya Rumonge, Gratien Nduwayo, be n’umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Rumonge ajejwe intwaro n’ubutunzi babarizwa mw’ibohero rikuru rya Rumonge kuva kuri uno wa gatatu. Bagirizwa kunyuruza ibikoresho vyagenewe kwubaka amashure muri komine Buyengero. Ibikoresho vyatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu.
VI. Jean-Claude Nduwimana, arongoye komine Nyanza-lac mu ntara ya Makamba, araye ijoro ryiwe rya kabiri mu gasho k’igipolisi mu ntara ya Makamba. Yahagaritswe kuri uyu wa gatatu inyuma y’ukwumvirizwa n’inyamiramabi ku ngingo iherutse gufatwa yo kubogoza abarongoye inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac. Abandi bajenama ba komine Nyanza-lac basaba y’uko ibiriko birakorwa bita iterabwoba vyohagarara, kuko ingingo bafashe ari ntabanduka.
VII. Bamwe mu banyagihugu bacukura umusenyi mu ruzi Mugere, muri komine Muha iri mu gisagara ca Bujumbura, baradomako urutoke uwitwa Barera Augustin, ko abatoza amafranga bidaciye mu mategeko. Uwo Barera ngo yishingiye cooperative yo gutoza ayo mafranga ntaheze ahe igitansi abo bacukura umusenyi. Bagasaba abajejwe intwaro ko iyo ngendo yohagarara.

Ibindi bisa n'ibi