Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/12/2022

Publié le 9 décembre 2022 par Rédaction
I. Abasitanteri babiri bo mu ma komine ya Rumonge na Bugarama yo mu ntara ya Rumonge binjijwe ibohero rya Rumonge bita Murembwe ku mugoroba w’uwu wa gatanu, igenekerezo rya cenda Kigarama umwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri. Amakuru ava aho mu Rumonge, avuga ko bazira amabati bafatanywe, yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu mu bikoresho vyo kwubaka amashure muri iyo ntara. Abo bafashwe bakaba basanze mw’ibohero musitanteri wa komine Buyengero hamwe n’umuhanuzi wa buramatari mu vy’ubutunzi n’intwaro, bose bakaba bagirizwa ico caha c’ubunyonyezi. Abanyagihugu bo muri iyo ntara bagasaba leta guhana ivy’akarorero, abo bagirizwa ubunyonyezi. Consolateur Nitunga, yahagaritswe na we nyene ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu. Yagirizwa kuba ari we yagaburiye ivyo bikoresho abo basitanteri. Uwo yahoze ari buramatari wa Rumonge yaheruka kugenwa mu mabanga y’umuhanuzi agira kabiri mu buserukizi bw’Uburundi i Kinshasa. Ariko, akaba yari amaze imisi yiga ivyigwa bijanye n’ imigenderanire y’ibihugu. Akaba yajanywe mw’igendereza mu gisagara ca Bujumbura nk’uko ayo makuru nyene abandanya abivuga.
II. Umukuru w’igihugu ntashobora kugwanya abarya igiturire kuko ata nzego zihari zikorana na we. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, ngo n’izihari zaratatanye mu gihe n’amategeko abiraba adatomoye. Ivyo Faustin Ndikumana akaba yabishikirije mu gihe kuri uyu wa gatanu hari haramutse hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wo kurwanya igiturire.
III. Kuva ubu nta gisata c’ubutunzi bw’igihugu kizosubira kuronswa ingurane y’Ibanki nkuru y’igihugu, kiretse igisata c’uburimyi n’ubworozi. Iyo ni imwe mu ngingo yafashwe vy’imfatakibanza, mu ngingo zigamije gucungera ifaranga ry’agaciro mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa gatanu n’uwurongoye iyo banki nkuru y’igihugu, Dieudonné Murengerantwari, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
IV. N’akababaro kenshi urunani ruhamagarira abarundi kuba intungane rwakiranye amajambo ya Gervais Ndirakobuca, yishura umupfakazi wo mu ntara ya Kirundo. Uwo na we akaba yariko asaba ubutungane umushikiranganji wa mbere yari mu rugendo muri iyo ntara inyuma y’igandagurwa ry’umugabo wiwe n’abantu bazwi. Kubwa Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye urwo runani, umushikiranganji wa mbere yaramaze guha intumbero urwo rubanza mu gihe uwo mupfakazi yari yiteze kuronka ubutungane, maze umwe wese mu bamwiciye akabihanirwa.
V. Abantu babiri baranyurujwe babanje gukubagurwa, umupfasoni nawe arafatwa ku nguvu, impunzi zirafatwa agasakisaki, uruja n’uruza rw’amapikipiki n’amakinga rurahagarikwa mu makambi y’impunzi z’abarundi y’i Nduta na Nyarugusu. Ivyo biri mu cegeranyo c’amezi atatu c’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi z’abarundi muri Tanzaniya. Igipolisi ca Tanzaniya n’abajejwe intwaro bakaba badomwako urutoke muri ubwo bubisha.

Ibindi bisa n'ibi