Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 10/12/2022

Publié le 10 décembre 2022 par Rédaction
I. Uruhigi rurabandanya ku bajejwe intwaro banyuruje ivy’igihugu mu ntara ya Rumonge. Kuri uwu wa gatanu, buramatari wa Rumonge yarinjijwe ibohero rya Murembwe mu Rumonge. Yagirizwa kuba ari we ari kw’isonga mw’inyuruzwa ry’ibikoresho vyatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu. Abanyagihugu baguma basaba ko abo banyonyeje itunga ry’igihugu bashengezwa.
II. Itariki 10 Kigarama, n’umusi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu. Ukaba ariko ushitse mu Burundi hacibonekeza ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu buryo butandukanye. Ivyo bigaca bijana n’ukudahana abakoze ayo mabi. Ivyo biri mu rwandiko ishirahamwe rigwanya ihohotera rya kiremwa muntu SOS Torture ryasohoye uno musi. Me Armel Niyongere, arongoye iryo shirahamwe.
III. Kw’igenekerezo rya cenda kigarama naho, amakungu yibuka umunsi wahariwe  abahuye n’ihonyabwoko.  Kuri uwo munsi, ishirahamwe rijejwe kurwanya ihonyabwoko AC-Génocide Canada ryaboneyeho gushikiriza urwandiko  umunyamabanga adasanzwe w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe kurwanya no gukinga icaha c’ihonyabwoko. Imvano y’amabi akorwa muri kano karere ari kubera ukudahana abagirizwa ico caha c’ihonyabwoko.  Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe AC-Génocide Canada Dr Emmanuel Nkurunziza, amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryategerezwa gushira mu ngiro ivyavuye mu matohoza yakozwe mu  kwemeza ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Burundi.
IV. Kw’igenekerezo rya 10 Kigarama, amakungu arahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka ka zina muntu. Kabaye akaryo k’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe ako gateka mu Burundi, ko gushikiriza itangazo aha nini rishima intambwe ubutungane bugezeko mu gukora mu bwigenge. Sixte Vigny Nimuraba arongoye uwo mugwi avuga ko CNIDH yiteze ko dossier y’uwuharanira agateka ka muntu Tony Germain Nkina igiye kuva mu nzira mu misi iri imbere.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » kivuga ukuntu inyigisho z’umwuga wo kubarira zakuye mu gahinda abarundi 13 bahunze bakorewe amabi.

Ibindi bisa n'ibi