Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 15/12/2022

Publié le 15 décembre 2022 par Rédaction
I. Uyu munsi ni ho hemejwe itegeko rijanye no kugabura gushasha intara z’Uburundi mu ntara 5 gusa. Ninteretse Martin, umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, amenyesha ko kugabura intara imitumba n’ama quartier ari ikintu ciza kandi gitumbereye iterambere ry’igihugu.
II. Martin Ninteretse arongera akamenyesha ko n’aho intara zagabanutse, imitumba na zone vyo vyiyongereye.
III. Ubukene bw’amafaranga yo gushira mu gisata c’uburimyi, ukudakoresha ubuhinga bwa kijambere mu kurima, n’ihandagurika ry’ibihe, ni bimwe mu bituma bihambaye igisata c’uburimyi kidatera imbere mu Burundi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika na Leta zunze ubumwe za Amerika iriko ibera i Washington. Président Ndayishimiye akaba ashimishwa no kubona ibice mirongo icenda kw’ijana vy’imfungurwa biva mu mwimbu w’igihugu.
IV. Imiryango iba ku mutumba Mikingiro, muri zone Buvumbi ya komine Butihinda, mu ntara ya Muyinga, iridogera ibikorwa vyo guturitsa amabuye hakoreshejwe intambi. Iyo miryango iba hafi y’ikibanza gicukurirwamwo inzahabu na koperative Terintambwe. Ikavuga ko ivyo bikorwa bibahungabanya bikongera bikonona n’amazu yabo. Iyo miryango igasaba ko ivyo bikorwa vyohagarara.
V. Ibihugu vy’Ubufaransa na Argentine ni vyo vyaraye bironse uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma ari rwo finale, ruzoba ku munsi w’Imana mu nkino z’igikombe c’isi yose ziriko zibera muri Qatar. Argentine yatsinze kuri uyu wa kabiri Croatie, ibitsindo 3 ku busa, Ubufaransa na bwo butsinda kuri uyu wa gatatu Maroc ibitsindo 2 ku busa. Maroc na Croatie bikazohiganirwa ikibanza ca gatatu ku munsi wa gatandatu.

Ibindi bisa n'ibi