I. Imifuko 53 y’isukari ihingurwa n’uruganda SOSUMO, imifuko 81 y’ifumbire FOMI Imbura, ipikipiki yo mu bwoko bwa TVS 110, n’ibikoresho bitandukanye vy’igipolisi bigizwe n’impuzu n’ibirato, ni vyo vyafashwe mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, mu rugo rw’umupolisi yitwa Térence Vyankandondera ruri ku mutumba Mwaro Mavuvu, komine Makebuko mu ntara ya Gitega. Hari mw’isakwa ry’igipolisi ryari rirongowe n’uwujejwe igipolisi muri iyo ntara. Umukenyezi w’uwo mupolisi Edissa Nijimbere akaba yahagaritswe n’igipolisi kugira bamugireko amatohoza kuhazananye ivyo bikoresho vy’igipolisi.
II. Leta y’Uburundi ninyarutse itegure ibiganiro bihurikiyemwo impande zose, ikore ibisabwa n’amakungu, gurtyo impunzi z’abarundi zishobore gutahuka mw’ituze. Bishikirizwa na Chauvineau Mugwengezo arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, mu gihe intumwa za leta y’Uburundi zahora mu gihugu c’Urwanda kuva ku musi wa mbere, gusigurira impunzi z’abarundi ko zotahuka mu gihugu. Kubwa Chauvineau Mugwengezo, urwo ni uruhendo kuko impunzi z’abarundi ziri n’ivyo zisaba imbere yo gutahuka mu gihugu.
III. Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike asaba leta irongowe n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kubanza guhagarika, igacira urubanza uwo wese yagirizwa amabi atandukanye yakorewe abarundi kuva mu 2015. Gurtyo ubutungane ni bwaja ahabona impunzi z’abarundi zizoheza zitahuke mu gihugu.
IV. Urunani Tournons La Page rirashimishwa n’ingingo ya sentare isubiramwo imanza ya Ngozi yejeje umushingwamanza akaba n’uwuharanira agateka ka zina muntu, Tony Germain Nkina. Kubw’umushingwamanza Janvier Bigirimana, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, ipfungwa ryiwe ngo ryari rinyuranye n’amategeko, kimwe mu mukenyuro wa leta wo gutera ubwoba abo bose baharanira ko mu gihugu hubahirizwa agateka ka zina muntu. Asaba leta gukurikiza vuba bwango ingingo yafashwe na sentare no gukingira umutekano w’uwo aharanira agateka ka zina muntu.
V. Umukenyezi w’umushingamateka Célestin Nitanga yatowe mu ntara ya Rumonge apfungiwe mu gasho ka komisariya y’igipolisi, mu ntara ya Rumonge, kuva mu gitondo c’uwu wa kabiri. Amakuru ava mu ntara ya Rumonge akaba avuga ko yoba yahagaritswe kubera dosiye y’uwitwa Ulimwengu Bigirimana, aheruka gupfungwa yagirizwa kwiba abanyagihugu abicishije mu mabuye n’amatafari aho muri komine Rumonge.
VI. Imyidogo ni yose ku banyagihugu baba babuze ababo barwariye ku bitaro vyo mu Rumonge. Intandaro ya vyose ni amafranga bavuga ko ari umurengera atozwa n’umukozi akora mu buruhukiro bw’ivyo bitaro. Basaba ko ico kibazo cotorerwa umuti.
VII. Bararahira bakarengwa ko badashobora kwakira ibiharage bidasha. Abo ni impunzi z’abarundi n’iz’abakongomani bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya. Ni mu gihe kuri uyu wa kabiri, abarongoye ishirahamwe rijejwe ibifungurwa kw’isi PAM, igisata caryo gikorera muri iyo kambi, bakoranije izo mpunzi bazisaba kwemera imfashanyo y’ibiharage babahaye, kandi abategetsi ba Tanzaniya basavye PAM kurondera ibindi biharage aho baboneye ko bidasha. Ariko rero ishirahamwe PAM rikaguma rishaka kubiha impunzi kuko ribona ko ryohava rihomba itoni 50 z’ibiharage zingana n’ama shilingi y’ama tanzaniya angana n’imiliyoni zigera ku 200.