I. Imyidogo ni myinshi ku banyagihugu bo mu ma komine ya Rumonge, Bugarama na Buyengero mu ntara ya Rumonge. Ni mu gihe bibagora kuronka impapuro za nkenerwa mu biro vy’ayo makomine. Amakuru dukura muri ayo makomine uko ari atatu amenyesha ko, ivyo bibaye inyuma y’aho abasitanteri barongoye ayo makomine bahagarikiwe bagapfungwa. Abo banyagihugu bo muri ayo makomine basaba inzego zibijejwe gufata ingingo ziborohereza.
II. Bamwe mu bakozi bo ku bitaro bikuru vya Rumonge baridogera uwujejwe ivy’ubutunzi n’intwaro kuri ivyo bitaro, ko atoza amafranga abantu abahenda ko bazohabwa akazi. Mu gihe ivyo vyose bica vyitirirwa ibitaro vya Rumonge, basaba ababijejwe ko uwo mugabo yobogozwa muri ayo mabanga.
III. Imyidogo ni yose mu banyororo bo mw’ibohero rikuru rya Muyinga. Intandaro ya vyose bavuga ko imfashanyo y’ibifungurwa zitangwa n’abagiraneza zinyuruzwa n’abarongoye iryo bohero.
IV. Uwahoze arongoye komine Nyanza-lac Jean Claude Nduwimana n’umunyabanga wa CNDD-FDD muri iryo komine Thaddée Ndayishimiye, baraye barekuwe na parquet ikukira Sentare isubiramwo imanza ya Makamba. Bari bahagaritswe inyuma yaho inama mpanuzwajambo ya komine Nyanza-lac ihagaritse abarongoye iyo nama.
V. Leta y’Uburundi yategerezwa guhagarika ikongera igacira imanza umuntu wese agira uruhara mw’ihungabanya ry’agateka ka zina muntu, na cane cane ak’abakenyezi. Ni intererano ya Marie Louise Baricako, umukuru w’umuhari Inamahoro, abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Abivuze inyuma y’urugendo rw’intumwa z’Uburundi zaheruka mu gihugu c’Urwanda kuva ku munsi wa mbere, kugira zijijure impunzi ngo zitahuke. Marie Louise Baricako asaba umukuru w’igihugu gufata ibintu mu minwe, kuko ubutungane bw’ukuri ari bwo buzotuma impunzi zitaha.