Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/12/2022

Publié le 23 décembre 2022 par Rédaction
I. Amafranga angana n’umuriyaridi ni yo yatanguje umushinge wo kwubaka ikibuga c’umupira mpuzamakungu co ku murwa mukuru w’ubutunzi wa Bujumbura. Nk’uko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yabimenyesheje kuri uyu wa kane, aho yari yagiye kuraba aho ibikorwa vyo kwubaka ico kibuga bigeze; ayo mafranga yatswe abantu batanu bari bayanyuruje mu kigega ca Leta. Evariste Ndayishimiye yabandanije agabisha abo bose banyuruje amatungo ya Leta. Arongera akamenyesha ko amafranga yagarujwe ariko akoreshwa mu bikorwa n’inyubako vy’iterambere rusangi.
II. Kubwa Frédéric Bamvuginyumvira ngo biratangaje kwumva umukuru w’igihugu avuga ko hari abantu banyuruje itunga ry’igihugu kandi bayasubije, ariko ntihagire n’umwe ahanwa hisunzwe amategeko. Uwo arongoye urunani CFOR-Arusha, ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta, amenyesha ko nimba umukuru w’igihugu ashaka kurwanya igiturire, n’abanze abaze abo baterera amafranga y’umurengera mu mugambwe CNDD-FDD iyo bayakura.
III. Hari umuryango wo muri komine Burambi mu ntara ya Rumonge utaka usaba ubutungane. Uwo muryango uvuga ko umwana wawo w’imyaka 3 yashurashujwe ku nguvu ariko ko uwamushurashuje yaciye arekurwa n’igipolisi. Uwo mwana yakorewe ayo mabi ngo ariko arasinzikara.
IV. Imisi mikuru iheraheza umwaka ishitse impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, bugarijwe n’ubukene butagira izina. Ubwo bukene bukunyurwa no kubafata nabi mu kubabuza ibikorwa vyo kwiyungunganya, ari vyo vyotumye batunga imiryango yabo. Basaba ishirahamwe yitaho impunzi kw’isi, HCR, kubafasha n’imiburiburi bakaronka ico baha abana babo, kuko babona ko batazoronka uko babagira.

Ibindi bisa n'ibi