I. Kuri uno wa gatanu, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yakoranije abajejwe umutekano, intwaro n’ubutungane bakorera mu gisagara ca Bujumbura kugira barabire hamwe uko ikibazo c’umutekano cifashe. Inyuma y’iyo nama hapfunditswe ko ubunywero bugiye kuza burugarwa isaha zitatu z’ijoro, ko abantu bose basabwa gushira amatara abiri ku nzu zabo kandi bakayatsa, ko ata muntu n’umwe arekuriwe kudandariza ama unites mu mitaka mugisagara ca Bujumbura, abantu batagira amakaye y’imiryango n’abaraza abashitsi bitazwi n’abajejwe intwaro bazofatwa nk’abahungabanya umutekano. Izo ngingo zifashwe inyuma y’inama yabaye kuri uno wa kane yahuza umushikiranganji w’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, abarongoye igipolisi mu ntara na ba buramatari. Muri iyo nama, bakaba bamenyesheje ko kwari ukurabira hamwe uko umutekano wifashe mu gihugu mu ntumbero y’ukwitegurira amatora mu mutekano.
II. Umugambwe Sahwanya Frodebu usaba ko abamenyeshamakuru bakorera ikinyamakuru Iwacu borekurwa kuko ataco bariko barazira atari umwuga wabo. Ivyo n’ibimenyeshwa na Pierre Claver Nahimana, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU mu kiganiro yatanze kuri uno wa kane. Umugambwe Sahwanya FRODEBU ukavuga ko ata mategeko ahari, yerekana ingene umumenyeshamakuru ategerezwa kwifata mu kazi kiwe mu bihe vy’intambara. Abo bamenyeshamakuru ngo nta tegeko na rimwe bahonyanze.
III. Uyu musi ukwezi kurarumanye abamenyeshamakuru bane b’ikimenyeshamakuru IWACU batawe mu mvuto mu ntara ya Bubanza kuva kuwa 22 Gitugutu.
IV. Ikigo CNC gicungera ingene ibimenyeshamakuru bikora, caraye gifashe ingingo yo kwugara umuhora Nawe TV w’ikimenyeshamakuru Nawe.bi (Nawe.bi). Ikigo CNC kikagiriza ico kinyamakuru co ku buhinga bwa internet ko cuguruye umuhora w’imboneshakure kitabisabiye uruhusha. Abarongoye ikigo CNC bafashe ingingo kandi yo kwugara aho abakurikira amakuru bashikiririza ivyiyumviro «commentaires» mu gifaransa. Bakacagiriza ko abashikiriza ivyiyumviro, bashikiriza ivyiyumviro bityoza abategetsi hama ntibirobanurwe. Radio Inzamba yabajije umuyobozi w’ikimenyeshamakuru Nawe. Bi, Jean Marie VIANNEY MBABAZI akaba yamenyesheje ko bashize mu bikorwa ingingo ya CNC ariko basavye kuganira kugira babasigurire ko umuhora NAWE TV udatandukanye n ikinyamakuru Nawe.bi.
V. Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Ngozi yaraciriye kur’uyu wa kane umunyororo wo gupfungwa umwaka wose abanywanyi 12 b’umugambwe CNL wa Agathon Rwasa, harimwo abarongoye uwo mugambwe mu ma komine ya Nyamurenza, Gashikanwa na Marangara. Abandi 4 nabo barejejwe. Abo banywanyi bari bafashwe inyuma yaho bataniye mu mitwe n’urwaruka rw’imbonerakure, rwari rwabategereye bavuye kwugurura ingoro y’umugambwe CNL muri komine Nyamurenza mu ntara ya Ngozi. Abanywanyi b’uwo mugambwe, bakavuga ko ari akarenganyo kuko biboneka neza ko ubutungane buhengamye kandi ko atakibagira.
VI. Umushingwamanza Vital Nshimirimana ariyamiriza iyo ngingo yaraye ifashwe na sentare nkuru y’igihugu ikukira intara ya Ngozi ngo kuko iciye kubiri n’amategeko. Uyo mushingwamanza akavuga ko vyaraye bisubiriye kugaragara ko ubutungane bw’Uburundi butagira ubwigenge na buke. Vital Nshimirimana agatangazwa no kubona muri iyo mishamirano hari umunywanyi w’umugambwe CNL yishwe n’imbonerakure ariko ababikoze bakaba bidegemvya.
VII. Ku munsi w’ejo wa kane, abanywanyi b’umugambwe CNL muri Komine Busiga intara ya Ngozi, bavyutse basanga amazu yabo ashushanijeko amasandugu n’imisaraba itukura. Iryo shushanywa ry’imisaraba n’amasandugu ku mazu y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ngo n’ikimenyetso ko hariko harategurwa umugambi wo kubagirira nabi harimwo no kubica. Ivyo bivugwa n’umunya politike Tatien Sibomana. Ku bwiwe ngo ntawoshushanya umusaraba canke isandugu ku nzu y’umuntu atamwifuriza urupfu.
VIII. Tatien Sibomana akibaza kandi ingene abantu bosiga imisaraba amazu yababa 300 ntihagire uwufatwa kandi harashinzwe imigwi y’abarara barakizura, hejuru y’inzego z’igipolisi, inzego nshingwantwaro n’ubutungane.