Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 24/11/2019

Publié le 24 novembre 2019 par Rédaction

I. Leta ya Tanzaniya ntiyarikwiye kuguma iturubika impunzi z’abarundi ngo zitahuke ku nguvu, kubera ingingo ziriko zirafatwa n’abategetsi b’Uburundi zerekana ko umutekano ukiri muke cane. Urunani rw’amashirahamwe arwanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi, rusaba Tanzaniya kureka izo mpunzi zikidegemvya mu makambi y’impunzi iyo bahungiye hose. Léopold Shirangabo, icegera c’uwurongoye urwo runani, akaba abivuze inyuma yaho umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa ashikiririje ko abantu bategerezwa kwubahiriza amasaha yo gutaha mu ngo zabo ku mvo z’umutekano muke.

II. Urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR-ARUSHA, rurarajwe ishinga n’umutekano muke urangwa mu Burundi, bivuye kubitero biheruka vy’abitwaje ibigwanisho. Urwo runani rusaba ko ivyo bitero bitoba icitwazo kugira hakorwe ubundi bwicanyi hagati y’abanyagihugu. Leta y’Uburundi ngo ikwiye kuhagabira.

III. Abantu 10 nibo bamenyekanye ko bagandaguwe, 2 nabo barahagarikwa hadakurikijwe amategeko, muri ino ndwi turiko turasozera. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo gisohoka ku ndwi ku ndwi c’isekeza SOS Torture. Abo bishwe bagizwe ahanini n’abasirikare baguye mu bitero, vyagizwe n’abantu bitwaje ibirwanisho ku birindiro vy’abasirikare, biri muri komine ya MABAYI mu ntara ya CIBITOKE.

IV. Kuri uyu wa mbere, amakungu buca ahimbaza umunsi wahariwe kugwanya amabi akorerwa abakenyezi, uba buri wa 25 Munyonyo uko umwaka utashe. Hakaba hategekanijwe n’iminsi 16 y’isekeza ryo kurwanya ayo mabi. Martin Nivyabandi ajejwe ubushikiranganji bwo kungana kw’ibitsina.

Ibindi bisa n'ibi