Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/11/2019

Publié le 25 novembre 2019 par Rédaction

I. Kuri uno wa mbere, igenekerezo rya 25 Munyonyo, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, risaba kw’amabi afatiye kw’ishurashuzwa ry’abakenyezi n’abigeme yohagarikwa, kuko gufata ku nguvu abakenyezi n’abigeme, uno munsi vyacitse nk’ikirwanisho mu bihe vy’intambara.

II. Uyu musi rero, ni akaryo ku bakenyezi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya, ko kwiyamiriza ugushurashuza canke gukubitwa bagirirwa, iyo bagerageje kuja inyuma y’ikambi. Ivyo bikabaaha nini, ari imwe mu ngaruka y’ingingo zifatwa n’abategetsi ba Tanzaniya ibuza impunzi kwishira n’ukwizana hanze, n’inyuma y’ikambi nk’uko umwe mu bakenyezi bo mwikambi ya Nyarugusu abivuga.

III. Abakenyezi b’abarundikazi barahohoterwa bikomeye. Umuhari w’abakenyezi n’abigeme, uharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, umenyesha ko bikigoye kubirwanya kuko kenshi usanga bikorwa n’abari bajejewe gukingira abandi. Umupfasoni Marie Louise Baricako, arongoye uwo muhari w’abakenyezi, abona ko n’aho biri uko, iyaba abategetsi bose, mu bisata vyose, bashira inguvu mu kurwanya ako kabi, koranduranwa n’imizi. Ikindi kandi, n’uko abarundi bose bokwibuka ko ico caha gica kubiri n’umuco n’akaranga vy’Uburundi.

IV. Umukenyezi arongoye umugambwe CNL, ku mutumba Susa, wa zone Murungurira, mu ntara ya Kirundo, yaraye akubaguwe n’urwaruka rw’imbonerakure rwo muri iyo komine ya Ntega. Umwe mu banyagihugu baba muri iyo komine, akavuga ko hari n’ababanyi bagerageje kumutabara nabo barabizira. Ndetse batatu muri bo, bakaba baciye batabwa muri yompi. Uwagirizwa ivyo vyose, akaba ari uwutwara imbonerakure muri iyo komine, azwi kw’izina rya Nteretse Aphonse.

V. Imiryango y’abanyagihugu bo mu gice ca Mukungu na Muguruka muri Zone Mukungu, komine Nyanzalac, intara ya Makamba barafise ubwoba ko bashobora guhitanwa n’inkukura, iva mu misozi baravye uko bimaze imisi biba. Inkukura iva mu misozi ikaba imaze imisi yiha inkumbi. Imiryango imwe imwe ikaba imaze kwimuka hamwe n’amashengero n’imisigiti.

Ibindi bisa n'ibi