Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/11/2019

Publié le 28 novembre 2019 par Rédaction

I. Turi kumusi ugira uwa 38 bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu bafunzwe. Bagirizwa gukorana n’abateye igihugu ku wa 22 Gitugutu mu ntara ya Bubanza. Ni mu gihe, bo bari bagiye muri komine ya Musigati, ahariko harabera ingwano hagati y’igisirikare c’Uburundi n’abarwanyi. Gushika ubu bakaba bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza.

II. Umuyobozi w’indero muri komine Mutaho, mu ntara ya Gitega Anatole Mbazumutima yarengutse kuri uyu wa kane imbere y’inyamiramabi muri iyo komine, yagirizwa kuba yafashe umukozi wiwe ku nguvu, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu. Abanyagihugu bafise amakenga ko uyo muyobozi w’indero asanzwe ari icegera c’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine, atokurikiranwa uko biri n’ubutungane, kuko vyama vyabaye ku bandi banywanyi b’uwo mugambwe bagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi.

III. Sentare isubiramwo imanza y’I Paris mu gihugu c’Ubufaransa, uno musi yumvirije David Gakunzi umwanditsi w’umurundi, Bernard Maingain, umushingwamanza n’umumenyeshamakuru wa television y’abafaransa FRANCE 3. Petero Nkurunziza yunguruje urwo rubanza kuko sentare yari yamenyesheje ko ibirego vya Petero Nkurunziza bidafashe. Mwomenya ko Petero Nkurunziza yari yitwariye abo bagabo n’iyo television, abagiriza ko bacafuje igihugu mu kuvuga ko mu Burundi haba ubwicanyi butagira izina, bukorwa n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi n’inzego z’umutekano. Tuzobashikiriza mu makuru yacu y’ejo ico iyo sentare izoba yapfunditse.

IV. Ingingo yaraye isohowe na Sentare Ntahinyuzwa ku rubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Melchior Ndadaye ngo ntitangaje na gato kuko iri mu rukurikirane rw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Jessica Lecs aburanira bamwe mu bagirizwa urwo rupfu, aribo Bernard Busokoza, Luc Rukingama na Libert Bararunyeretse. Uyo mushingwamanza akavuga ko bagiye kwunguruza urubanza kuko iyo sentare itubahiriza uburenganzira bw’abashingwamanza.

V. Hari abarovyi batatu baguye mu kiyaga Rweru mw’ijoro ryo ku wa kabiri buca ari ku wa gatatu. Amakuru dukura ngaho habereye isanganya muri zone Nyagisozi, komine Busoni mu ntara ya Kirundo, amenyesha ko amasanganya nk’ayo akunda kuba kuko hari abarovyi baroba binyegeje amasaha y’ijoro cane, bakarobesha ibitemewe n’amategeko. Abakuru b’ama zone ya komine Busoni bakagirizwa ko barya ibiturire kugira babirenzeko uruho rw’amazi. Ariko uwurongoye zone Nyagisozi wewe avyamirira kure.

VI. Abana bane barakomerekejwe na grenade kuri uyu wa gatatu, kw’ishure nshingiro rya Mwaro ya mbere, muri komine Rusaka intara ya Mwaro. Amakuru ava kuri iryo shure, akaba amenyesha ko umwana yari yatondanye iyo grenade mu mufuko, maze atangura kuyikinisha. Niko guturika, ikomeretsa abo bana bo mu mwaka wa kane. Ayo makuru abandanya amenyeshako abo bana baciye bajanwa kwa muganga, bakaba bariko baravurwa, nayo umuvyeyi w’uyo mwana yatondanye iyo grenade akaba ari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza.

VII. Ingoro y’umugambwe CNL muri komine Rusaka intara ya Mwaro, yarugawe na musitanteri w’iyo komine kuri uyu wa gatatu. Yagirije abanywanyi b’umugambwe CNL gukora inama itazwi n’amategeko. Ariko ivyo aba CNL bo bavyamirira kure. Tukaba twahamagaye musitanteri wa komine Rusaka, kugira ngo agire ico abivugako, ariko telefone yiwe yahamagara ntiyitabe.

Ibindi bisa n'ibi