Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 30/11/2019

Publié le 30 novembre 2019 par Rédaction

I. Ibikorwa vyose vyahagaritswe kuruyu wa gatandatu muri zone Cumba. Komine Muyinga kubera urupfu rw’uwitwa Déo NIYONZIMA. Iryo tegeko ryatanzwe n’umukuru wa zone Cumba, Shabani Nimubona, akaba kandi arongoye imbonerakure mu ntara ya Muyinga ; agasigura ko uyo mugabo yapfuye yarafitiye akamaro kanini zone ya cumba. Abanyagihugu b’i Cumba bakaba bidoga ko ivyo bitari gutuma babuzwa kuja ku mirimo yabo.

II. Abantu batari bake bo muri komine Mutaho, intara ya Gitega, barafashwe kuri uyu wa gatanu, muri dossier twababwiye, ivuga umwigeme yashurashujwe n’uwutwara igisata c’indero muri komine Mutaho. Umwe muri bo akaba ari we yasigaye afunzwe yagirizwa kuba yarakwiragije impapuro zo kwa muganga z’uwo yafashwe ku nguvu, nkuko amakuru avayo avyemeza. Uwujejwe indero muri komine, akaba n’icegera c’uwurongoye umugambwe CNDD-FDD muri iyo komine ni we yagirizwa ico caha, akaba afunzwe kuva ku musi wa kane. Bamwe mubaba i Mutaho bakabona ko hari intumbero yo kumurekura.

III. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya, ziremeza ko hari ubukene bw’imiti yo mu bwoko butandukanye muri iyo kambi. Kubw’impunzi imwe yaganiriye na radio Inzamba abantu barapfa ku bwinshi bishwe na malaria. Izo mpunzi zigasaba ko ishirahamwe ryitaho impunzi HCR ryobafasha rikabaronsa imiti.

IV. Amazu angana 50,  n’utuzu twa Surwumwe 160 vyarasambutse , ibikoresho vyo mumazu birononekara , ni mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Mulongwe muri Républika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bivuye kumvura nyinshi ivanze igihuhusi imaze indwi zibiri igwa muriyo kambi. Impunzi ziri mukangaratete, zirababazwa n’ingene ishirahamwe HCR ribajejwe. atanakimwe rirabafasha gushika uno musi.

V. Hari umugabo yaraye ahatswe kugandagura umukenyezi wiwe mu kumutemaguza umupanga, bikaba vyabaye mw’ijoro ry’ejo ku wa gatanu muri zone na komine ya Kirundo. Akaba yamutegereye mu nzira amutemagura mu mutwe, no munda, akaba ababaye cane, ubu uyo mukenyezi NIRERA Ange Marie ariko aravurirwa ku bitaro bikuru vy’aho mu ntara ya Kirundo.  Amakuru ava muri iyo ntara akavuga ko uwo mugabo yaramaze imisi avanye n’uwo umugore. Ubu akaba yariko ararondera ingene yomucura, ariko uwundi aranka kuko batari babanye neza. Uyo mugabo agiheza gukora iryo bara, yaciye ahunga yibaza ko yamwishe. Ata mwanya uhaciye akaba yaciye afatwa n’abasirikare bariko barakizura, ubu akaba afungiwe mugasho ka commissariat y’igipolisi aho muri iyo ntara ya Kirundo.

Ibindi bisa n'ibi