I. Uno musi ugize uwa 43, abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi ; Agnès Ndirubusa ; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 gitugutu uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi i Musigati, mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’igihugu.
II. Abasirikare bato bato bo mu makambi y’intara ya mbere ya gisirikare, baridogera uwurongoye ibiro bikuru vya gisirikare, kubera yahagaritse akaruhuko kuri abo basirikare, atitayeho imvo iyari yo yose. Amakuru dukura muri abo basirikare, avuga ko uwubahutse gusaba akaruhuko yabuze nk’umuntu canke mu rubanza rumusaba guseruka mu muryango, aca afatwa nk’umwansi w’igihugu. Abo basirikare bakababazwa n’uko hari bamwe mu ntwanzangabo basa n’abarabwa n’iyo ngingo.
III. Abanywanyi batatu b’umugambwe CNL bo muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro baraye bakubitiwe ku mutumba Itaba wa zone Nyabihanga, mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere rishira uwa kabiri. Bakaba bakubiswe n’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Bagasaba ko ubutungane bwokora.
IV. Abantu 5 barishwe, 6 barabugwa irengero, 16 barahagarikwa bidakurikije amategeko; ivyo biri mucegeranyo c’umuhari Iteka, uharanira agateka ka zina muntu, gisohoka buri yinga. Urwaruka rw’imbonerakure zo mu mugambwe CNDD-FDD, be na bamwe mu ba police, akaba aribo badomwako urutoke kuba bari kw’isonga ry’ayo mabi.
V. Uyu musi niho hahimbazwa mu Burundi umusi mpuzamakungu wahariwe amahinguriro muri Africa, uwo musi uhimbajwe mu Burundi hari ingorane zugarije igisata c’amahinguriro nk’umuyagankuba. Abikorera ivyabo bahimirizwa gushira imitahe muri ico gisata, ariko bakaba bavuga ko bahura n’ingorane uretse kubura umuyagankuba hiyongerako kubura amahera y’agaciro mu gihugu.
VI. Abakozi bo kuri Lycée Communal Kirambi, iri muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro baragiriza ubunyonyezi uwahora arongoye iryo shure Vincent Bigirimana, yagirizwa kwiba amafranga arenga ibihumbi amajana atandatu, uyo nawe akaba aherutse gushirwa mu biro vy’intara ya Mwaro, bijejwe gutegura amatora ku rwego rw’intara ya Mwaro. Abo bakozi bagasabako yosubizwa.