I. Uno musi ugize uwa 44 abamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi; Agnès Ndirubusa; Térence Mpozenzi ; Egide Harerimana b’ikinyamakuru IWACU bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu, uwu mwaka bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’abaroberi, i Musigati mu ntara ya Bubanza. Bagirizwa gukorana n’abagizi ba nabi no guhungabanya umutekano w’igihugu.
II. Igisirikare c’Uburundi kiriko kirimurira ibirwanisho bikomakomeye ku mupaka Uburundi buhana n’Urwanda, cane cane mu ntara ya Cibitoke. Bimwe muri ivyo birwanisho biriko biva mw’ikambi ya Mwaro, ibindi navyo bikava mw’ikambi ya Muha, iri mugisagara ca Bujumbura. Amakuru ava mu gisirikare akaba avuga ko ubu hariko haraba ibikorwa vyo kwiheza aho bashira inkoho zikomakomeye. Iyo myiteguro ngo ikaba igamije kugira ibitero ku gihugu kibanyi c’Urwanda, naho hari igihe c’abasirikare bakuru basa n’abatemera uyo mugambi.
III. Kuva aho habereye ibitero vy’abantu bitwaje ibigwanisho mu ntara za Cibitoke na Bubanza , abanyagihugu bo mu ma komine ahana urubibe n’igihugu c’uRwanda bategekwa kurara barakizura ijoro ryose, harimwo n’abakozi ba reta, kugira ngo barinde umwansi yova hanze y’igihugu, agahungabanya umutekano. Ubutegetsi bwo mu ntara bukamenyesha ko uwuzorenga iryo tegeko, azofatwa nk’umwansi w’igihugu kandi akazocibwa amande.
IV. Leta ya Tanzaniya yarasokoye Kuco yari yiyemeje mu masezerano ashinga sentare ya Africa iraba agateka kazina muntu, kubijanye n’ububasha sentare ihabwa kugira yakire ibirego vy’abantu ku giti cabo canke amashirahamwe yigenga nk’uko biri mu ngingo ya 5, agace ka 3 n’iya 34 agace ka gatandatu k’ayo masezerano. Abaharanira agateka ka muntu bakabonako igihugu ca Tanzaniya kigomba kuzibukira ibirego bishobora gushikanwa imbere y’iyo sentare birega Tanzaniya kuba ihonyanga agateka k’impunzi z’abarundi ziri mu makambi ari muri ico gihugu.
V. Abanywanyi 6 b’umugambwe CNL harimwo abakenyezi 2 barahagaritswe kuri uyu wa mungu windwi iheze, mu ntara ya Rutana bakaba baciye bajanwa gupfungirwa ahantu hataramenyekana. Amakuru dufise akavuga ko bagirijwe ko batunze ibigwanisho. Abarongoye umugambwe CNL mu Rutana, bagasaba ko borekurwa kuko bahagaritswe ataco bagarizwa kiretse kuba bazize umugambwe barimwo.
VI. Kuri uno wa kabiri, hararanduwe imirima y’umuceri muri komine Rugombo mu ntara ya Cibitoke. Amakuru dukura ngaho mu Rugombo, akatumenyesha ko abaranduye iyo mirima ari abari bahawe ayo matongo yahoze mw’ishirahamwe ROGOFARME, ngo bayaranguriremwo imigambi yabo. Bene kurandurirwa imirima, bakavuga ko bari kubarindira ngo bimbure bakabona gushikira amatongo yabo.
VII. Haraheze iminsi hibonekeza ubugizi bwa nabi bwogusanga ibitungwa mu mararo bagaheza bakabitemagura. Mw’ijoro ryo kuri uno wa mbere w’ino ndwi, inka be n’ingurube vyaratemaguwe muri komine Busoni intara ya Kirundo, mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo naho nyene inka yaratemaguwe muri komine Tangara Intara ya Ngozi. Bikavurwa ko ba nyene ivyo bitungwa ari abatari mu mugambwe CNDD-FDD. Umunyepolitike Frederic Bamvuginyumvira, akavuga ko abo batemagura ivyo bitungwa, ari ikimenyetso c’uko baba bashaka ba nyenevyo, ko kandi ari ikimenyetso ko ata mutekano uri mu gihugu.