Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 11/11/2020

Publié le 11 novembre 2020 par Rédaction
I. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigiye kubandanya rikurikirana hafi igihugu c’Uburundi, naho giherutse gusaba ko cokurwa ku rutonde rw’ibihugu vyigwa mu nama y’umutekano wa ONU. Ivyo biri mu rwandiko rwasohowe kuri uyu wa kabiri, n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres. Uyo munyamabanga agasaba ko ibiganiro bihuza bose bikwiye gusubira kuba, kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu gihugu.
II. Ugupfungwa no gusinzikariza ubuzima Fabiyano Banciryanino yahoze ari umushingamateka, ngo ni ubwoba reta yashize mu bashingamateka bahari n’abazoza, ko ataworya umutima amenyo ngo ariko avugira abanyagihugu bamutoye. Bivugwa na Vital Nshimirimana, arongoye urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu, mu buseruko bwa Afrika. Kubwa Vital Nshimirimana, ngo ikibanza ca Fabiyano Banciryanino nk’umwe mu baharanira agateka ka zina muntu nawe nyene, ntigikwiye kuba mw’ibohero. Vital akaba yabivuze nyuma y’uko kuri uyu wa kabiri bamwe mu banyororo bo mw’ibohero rya Mpimba batabarije uwo yahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino, ko yahohotewe mu gatondo k’uno wa kabiri, ashirwa mu kumba bita ikosorero. Aho ni mu gihe yari ariko yumviriza ibibazo vy’umwe muri bagenziwe, yariko amwiganira akarenganyo yoba yarakorewe.
III. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari mw’ibohero haraheze imisi 387 mw’ibohero ry’i Bubanza. Baciriwe urubanza na sentare nkuru y’intara ya Bubanza, sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa nayo ikaba yakomeje igihano baciriwe, co gufungwa imyaka ibiri n’igice n’ihadabu ringana n’umuriyoni kuri umwe umwe. Bakaba bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 ukwezi kwa Gitugutu umwaka wa 2019 i Bubanza. Bari bagiye muri komine Musigati, ahariko harabera intambara hagati y’inzego z’umutekano hamwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Térence Mpozenzi hamwe na Egide Harerimana bagirizwa kwifatanya n’imigwi yitwaje ibirwanisho. Amashirahamwe mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru akaba adahengeshanya gusaba ko barekurwa kuko ata caha bakoze, uretse ko bakoze akazi kabo.
IV. Igitabu c’amategeko agenga imanza ziburanishwa, mu ngingo yaco ya 291, kivuga ko abacamanza bategerezwa gukora ibishoboka vyose, kugira igurishwa ry’ibintu ribaye mu camunara ribe ku mugaragaro. Ivyo bishikirizwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana, inyuma y’aho abamenyeshamakuru bankiwe kuri uno wa kabiri, kuja kurondera amakuru ahariko habera icamunara ku matungo y’abagirizwa kuba barashatse gutembagaza ubutegetsi mu 2015. Icamunara kiriko kibera mu bigo vy’ubushikiranganji bw’ubutungane. Kubw’uyo munyamategeko, ivyo vyerekana ko hariho bamwe mu bategetsi b’igihugu bagomba kugura ayo matungo barenze amategeko.
V. Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru FIJ riranegura ingene abamenyeshamakuru babandanya bakwa uburenganzira bwabo bwo kumenyeshamakuru. Iryo shirahamwe ribonako abamenyeshamakuru bose bavyifuza, bari bakwiye kworoherezwa mu kazi ko gutohoza iyo nkuru na rirya ari igikorwa kiba ku mugaragaro. Risaba abategetsi b’i Burundi kwisubirako. Ernest Sagaga; umuyobozi ajejwe agateka ka zina muntu n’ugukingira abamenyeshamakuru mw’ishirahamwe FIJ.
VI. Ubushikiranganji bw’ubudandaji buragabisha abadandaza bose baronswa i ciment y’ishirahamwe BUCECO kudasubira kurenza ikiguzi c’umufuko, abadandaza bishiriye ku giciro kitazwi n’amategeko. Mu kiganiro, ubushikiranganji bwagiranye n’abadandaza bakuru b’i ciment, umuyobozi mukuru w’ubudandaji Chrisologue Mutwa yagabishije uyo wese azofatwa aciye kubiri n’ibiciro bizwi, ko azohanwa vy’akarorero, kuko hari abadandaza bari bamaze imisi batumvira ubushikiranganji.
VII. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru wa komine Muyinga basaba Musitanteri w’iyo komine Amédée Misago, gushira mu ngiro ingingo yafashe yo gutegeka abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’iyo ntara, kwimba ikinogo ku nzu ku nzu, co gutega amazi y’imvura ava ku mazu, ngo kuko abangamira ibidukikije.

Ibindi bisa n'ibi