Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 09/01/2024

Publié le 9 janvier 2024 par Rédaction
  1. Abakozi bo kw’ivuriro rya Maramvya muri komine Gatara mu ntara ya Kayanza baridogera abarongoye iryo vuriro risanzwe rikukira ishengero rya Pentikoti ryo ngaho mu Maramvya ko badashaka abatavuka mur’iyo ntara ko bahakora. Babivuga bafatiye kw’iyirukanwa rya bamwe bamwe mu bakozi kandi ata makosa afadika bagirizwa. Basaba abategetsi hari mwo n’umukuru w’igihugu kugira ico bafashije kugira ngo agateka kabo kubahirizwe.
  2. Imyidogo yindi iri mubaguzi b’isukari bo ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Bakaba bidogera abadandaza b’ico kiribwa ko babamaza umwanya munini ku mirongo iyo baramutse batanga iyo sukari. Bavuga ko hakoreshwa ka nkunzi na ka mwana wa mama, bagasaba abajejwe intwaro gutunganya neza itangwa ry’isukari kugirango uwo wese ayishaka, ashobore kuyironka atarinze kuvunika.
  3. Abasanzwe bakorera leta basabwa gukorera inyungu rusangi bakavavanura nugukorera inyungu zabo bwite. Bisabwa n’ishirahamwe PARCEM inyuma yaho bigaragariye ko bamwe mubashingwa amabanga y’igihugu bayafatidakanya n’iyindi mirimo yabo kenshi ugasanga hakoreshwamwo n’uburyo bwa leta. Kubwa Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, abonako vyihutirwa yuko ibijanye n’amabanga y’igihugu n’ukwibeshaho vyosubira gutangirwa umuco kugira hatuzwe abashaka gutunga ivyumurengera.
  4. Umugwi wa africa ujejwe agateka kazina muntu wemeje kuriri genekerezo rya 9 Nzero umwaka 2024 ko umunyagihugu Jackson Ndikuriyo yishwe mubwicanyi ndegerabutungane bwakozwe n’inzego za leta y’uburundi mukwezi kwa munani mumwaka wi 2010. Amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu mu Burundi yari yaratanze iyo dossier imbere y’umugwi w’africa ujejwe agateka kazina muntu mu mwaka wi 2014, arashima ingingo yafashwe. Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT Burundi rimwe murayo mashirahamwe, agasaba leta y’uburundi gufata ingingo ziboneka igahagarika ubwicanyi ndengerabutunagne buguma bukogwa mu Burundi n’inzego za leta.
  5. Abanyororo bahejeje igihano baciriwe hamwe n’abejejwe n’ubutungane ariko bakagumizwa mumunyororo bakwiye kurekugwa nkuko amategeko abivuga. Ivyo biri muvyo ishirahamwe rishasha ryigisha iterambere n’agateka kazina muntu FDPDH ryihaye nkihangiro kugira risabe irekugwa ryabo banyororo. Fabien Banciryanino arirongoye mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru avuga bagiye gukorana n’abarongoye amabohero kugira bamenye abari murizo ngorane kugira basabe irekugwa ryabo.
  6. Reta ikwiye guhagurukira ubukene mu miryango kugira abana baheba amashure bagabanuke. Iyo n’impanuro itangwa na Eulalie Nibizi, inyuma y’aho ubuyobozi bw’amashuri mu Kayanza bumenyesheje ko muri komine ya Kayanza yo nyene, mu gice ca mbere c’uyu mwaka, abanyeshure 3500 bataye amashuri barataha. Kubw’uwo asanzwe akurikiranira hafi ibibazo vy’indero mu Burundi, vyose biva ku ntwaro ibereye yotuma buri murundi wese agira ico yiha agaha n’umuryango wiwe.

Ibindi bisa n'ibi