- Abasirikare b’abarundi barenga 50 nibo baharurwa mu boba barasize ubuzima mu ntambara zimaze indwi ziriko zibera mu ntara ya Kivu yo mu Buraruko mu gihugu ca republica iharanira intwaro rusangi ya Congo. Abandi basirikare b’Uburundi hafi cumi baragizwe imbohe n’umuhari M23. Amakuru atangwa n’abasirikare avuga kandi ko hari abasanzaye kuko mu guhunga bagiye isabisabi.
- Umuntu umwe yaraye yitavye Imana abandi indwi nabo barakomereka mu gitero c’ama grenade yaraye atewe mu bunywero bubiri buri muri zone Kamenge kw’ibarabara rya 6 muri quartrier Gikizi ni mu gisagara ca Bujumbura, hari nk’igihe ci’saha zibiri zijoro. Amakuru dukura muri zone kamenge avuga ko abakomeretse baciye bajanwa kwa muganga. Ayo makuru nyene akavuga ko igitigiri c’abakomeretse murico gitero c’abagizi ba nabi bataramenyekana, coba kirenga kuko murubwo bunywero harimwo abantu benshi. Murubwo bunywero bwatewe hari grenade yatowe n’abajejwe umutekano ariko itari bwaturike. Gushika kuruyu wambere nta makuru yari bwatangwe n’abajejwe ubushikiranganji bw’umutekano kugira hamenyekane abakoze ico gitero.
- Abantu bagera kuri 48 nibo bamenyekanye ko bishwe murabo 28 bakaba baratowe ibiziga mu kwezi kwa kane guheze. Ivyo bitigiri tubisanga mu cegeranyo cashizwe ahabona n’umuhari iteka. Kubw’uyo muhari, abakekwa gukora ubwo bwicanyi ngo ni bamwe mu nzego z’umutekano, abakozi b’iperereza n’urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri kubutegetsi CNDD FDD.
- Imyidogo ni yose mu banyagihugu bo muri komine ya Giharo mu ntara ya Rutana barimira mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya. Bidogera abajejwe intwaro bababuza kwinjiza mu Burundi umwimbu w’ibigori bakuye muri ico gihugu ca Tanzaniya urenga itoni. Bavugako iyo ngingo ariyagacinyizo, bagasaba ko yosubigwamwo ku neza y’imiryango yabo.
- Mu Burundi ngo nta Ebola ihari. Ivyo bishikizwa n’umushikiranganji w’Amagara y’abantu. Lidwine Baradahana abivuze ahumuriza inyuma y’ivyo yita ibihuha vyari bimaze imisi vyadikwa ku mbuga ngurukana bumenyi inyuma y’urupfu rw’umwana yariko avurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge i Bujumbura. Umushkiranganji ariko akamenyesha ko ibipimo vyafashwe kur’uwo mwana biriko birasuzumwa.
- Mu makuru y’inkino, imiliyoni zirenga 100 z’amarundi niyo mafaranga inzego nshasha zirongoye ishirahamwe rya Basket ball mu Burundi zemeza ko yibwe na comité yahora irongowe na Jean Paul MANIRAKIZA. Ivyo vyashikirijwe ku munsi wa gatandatu mu nama yo gushiraho inzego nshasha zirongowe uno munsi Claver HACIMANA yahora ari icegera ca Jean Paul MANIRAKIZA. Mu mupira w’amaguru naho ihiganwa ryaraye rirangiye. Muri volley Ball, inkino zo gusubiza mw’ihiganwa ku rwego rw’igihugu zigeze mu gice ca kabiri gishira icanyuma.