Imyaka icenda iraheze hari abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza. Ukwo kugomba gutembagaza ubutegetsi abasirikare babikoze inyuma y’indwi zitatu abanyagihugu bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kitari gikurikije amategeko. Kuva ico gihe igihugu caciye kija mu magume, yaranzwe n’ubwicanyi, iburwa irengero, n’ayandi mabi hadasizwe inyuma ipfungwa ryabo bose bakekwa kutavugwa rumwe n’ubutegetsi.
Ukwo gutembagaza ubutegetsi kudakunze , ngo caciye kiba icitwazo c’Ubutegetsi bwa CNDD FDD kugirango batuze abo bose bagwanya ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza, kandi cari giteye kubiri n’amategeko. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Akababazwa n’abantu isinzi bakurikiranywe n’ubutungane, bagatabwa mu mvuto, abandi bagata bakomoka inyuma kubera agatotezo kakurikiye .
Umushingwamanza Janvier Bigirimana abonako abo bose bagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi, co kimwe n’abahorwa kuba bariyamirije ikiringo ca gatattu ca Petero Nkurunziza ko borekurwa kandi bagashumbushwa kuko batarira busema. Kanatsinda Sentare y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika yo mu buseruko EAC yaremanzeko ico kiringo cari giteye kubiri n’amategeko.
Uburundi hageze aho bukenera urukingo mpuzamakungu, kuko ubutegetsi bumaze kwerekana ko budashoboye gukingira abanyagihugu n’igihugu. Ivyo bivugwa na Marie-Louise Baricako, arongoye umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano. Akavuga ko kwama ubutegetsi bwegeka amabi yose abaye ku Burundi ata ho bizobushikana.
Mwomenya ko mw’itangazo leta y’Urwanda yasohoye ejo itariki 12 Rusama, yiyamirije imvugo ya leta y’Uburundi yagiriza Urwanda ko ari rwo ruri inyuma y’ibitero vyabaye ku musi wa gatanu. Urwanda rukavuga ko atangorane bufise n’Uburundi kandi nyungu n’imwe rufise mu gushigikira ivyo bitero.
Ibwirizwa rishasha rigenga ibimenyeshamakuru n-amaradiyo riherutse kwemezwa n’inama nshingamateka rije gusubiza inyuma umwuga wo kumenyesha amakuru. Bishikirizwa n’ishirahamwe reseau des citoyens probes. Kubwa Gervais Nibigira icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, kuvuga uwaguhaye amakuru ngo nta kindi bigamije atari ugutera ubwoba abamenyeshamakuru.
Mumakuru y’inkino, imirwi ya Rukinzo mu bagabo na Muzinga mu bigeme niyo yaraye itahukane ihiganwa rya volley ball ku rwego rw’igihugu mumwaka 2023 ushira uwa 2024. Nayo mu mupira w’amaguru, umurwi nserukuragihugu w’abigeme batarenza imyaka 17 baraye batsinze umurwi nserukuragihugu wo muri Djibouti ibitsindo 18 vyose ku busa. Ni mu nkino zo kurondera i ticket yo gushika mu nkino zanyuma z’igikombe c’isi yose mu bigeme.