Mugisata c’ibidukikije, Secteur Gitaramuka iri muri zone ya Musaga muri commune ya Muha mu gisagara ca Bujumbura irangwamwo ubukene bw’amazi meza haraheze indwi zirenga zibiri. Abanyagihugu bo muriyo quartier barahagaritswe umutima nubwo bukene, bagasaba ishirahamwe REGIDESO kubagarukirako indwara zifatiye kw’isuku rike zitarabatera.
Mubumanuko bw’igihugu muri komine Rutovu aho abanyagihugu bo muri iyo komine bidogera musitanteri wabo. Iyo myidogo ikava ku ngingo nshasha yo kubategeka kwishura amazi ava mu masoko bakorewe n’abagira neza. Abanyagihugu bakavuga ko uwo musitanteri yagarukanye itegeko ryakuwe ho n’umushikiranganji w’Intwaro yo hagati, kugira abanyagihugu ntibasubire kwishura amazi atazanywe na Regideso. Bagakeka ko ico yabikoreya ari kugira ngo yitekerere kubera ikiringo ci we cimirije guhera.
Mumakuru ajanye n’ubutunzi imyidogo ni myinshi mu badandaza bahawe ibibanza mu masoko atandukanye yo mu ntara ya Rutana. Bavuga ko kuva aho ivyo bibanza biviriye mu minwe ya komine bikaja mu minwe y’ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi mu Burundi vyatumye ayo matagisi n’amakori vyiyongera ku ncuro zibiri. Abafise imitahe mito miton go birabavuna kuko bategekwa kugura vya ngombwa bigenga abadandaza. Bavuga kandi ko ibirarane vyo kuva mu kwezi kw’9 kw’umwaka uheze, batazoronka ingene bavyishura kuko bamwe muri bo bafise agatahe gato.
Tuje muburaruko bw’igihugu aho aborozi bo ku mitumba imwe imwe ya Komine n’intara ya Muyinga, na cane cane yo mu ma zone ya Muyinga na Rugari baratewe ubwoba n’indwara y’isuna yo m’urushato yateye inka zabo. Abo borozi bakavuga Ko inka imaze kugwara iremba cane bagasaba abajejwe amagara y’ibitungwa kubatabara amazi atarenga inkombe. Muganga ajejwe amagara y’ibitungwa muri komine Muyinga, arahumuriza aborozi akabamenyesha ko hagiye gutangwa urucanco mu mitumba yose yibonekejemwo iyo ndwara ya Suna.
Mugisata c’ubutunzi abarwizatunga bashorera ibintu hanze barafise ishaka rinini ryo gukora, mbere bakanashobora no guhiganwa n,abandi barwizatunga bo mubihugu vyo muri kano karere.Ivyo bivurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem akaba ari inyuma yaho kuruno w’akabiri habereye inama rukokoma yo guhana hana ivyiyunviro hagati y,abarwizatunga bashorera ibintu hanze na leta muntumbero yo kurabira hamwe ingene ibidandazwa bishorwa hanze vyokwiyongera. Faustin Ndikumana abona ko naho hariho ishaka ry,abarwizatunga, leta itegerezwa gukura munzira inzitizi zihari.
Faustin Ndikumana avuga kandi ko kugirango igisata c,abarwizatunga bashorera ibintu hanze gishobore kwisununura aruko abarwizatunga boronka uburenganzira bwokuronka amafaranga yagaciro mu mabanki atandukanye.Faustin Ndikumana abona kandi ko hariho ikibazo gihambaye cane kijanye no kurya ibiturire leta ikwiye kurandurana n,imizi.