Inkuru nshasha

Amakuru yaranze indwi yo kuwa 02 Ntwarante 2025

Publié le 2 mars 2025 par Rédaction

Ndabaramukije mwebwe mwese mukurikirana ibiganiro vya Radiyo Inzamba Agateka Kawe, uwu ni wa mwanya w’amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi turiko turasozera kur’uno w’Imana igenekerezo rya 02 ntwarante mu mwaka w’2025. Audace Nimbona ni jewe ndayabashikirize musangwa ikaze.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku  wa kane w’iyi ndwi turiko turasozera,  imbere y’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, yarashikirije aho igihugu gihagaze ku vyerekeye umutekano muke urangwa mu buseruko bw’igihugu ca Kongo iharanira demokrasi. Umukuru w’igihugu  Ndayishimiye muvyo yavuze bikwiye gukogwa kugira mahoro agaruke muri ico gihugu, ngo harimwo ko imigwi y’iterabwoba ikorera muri ico gihugu yotuzwa , akavuga nk’umugwi waba FDLR uhungabanya umutekano mu karere na cane cane mu gihugu c’Urwanda. Dutegamatwi umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye

Urunani CFOR arusha rwibazako hari ibintu bitari bike vyinyegeje muri iyo mvugo ya Ndayishimiye. Dutegamatwi Jean Bosco Rwigemera icegera c’umukuru w’urunani CFOR ARUSHA.

Tukiri mugisata c’ umutekano Urunani rw ‘ abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa n’ amategeko mpuzamakungu CAVIB rurababajwe rukongera rugatera ivyatsi inyigisho za gisirikare n’ibirwanisho biriko bitangwa n’ubutegetsi kurwaruka rw’imbonerakure muntara ya Cibitoke.Urunani CAVIB rutera akamo Leta guhagarika ako kabi kabishe gashobora gukwegera igihugu mubw ‘icanyi butagira izina harimwo n’ihonyabwoko.Kurikira Felix Niyonkuru ajejwe gutunganya imigambi muri CAVIB.

Inyuma y’akanya gato amakuru twabateguriye arabandanya

Abategetsi b’uburundi bakwiye gushira inguvu ziboneka mukugwanya imvugo be n’ibikorwa vyose bishira imbere indayne z’amacakubiri. Bisabwa n’umugambwe CODEBU mw’itangazo basohoye kuruyu wa kabiri. Ni mugihe murikano karere havugwa ibabazo vy’amacakubiri bimaze igihe vyibonekeza. Keffa Nibizi arongoye uyo mugambwe asaba abarundi muri rusangi kudaha umwanya ivyo bibazo vy’amoko ahubwo bangana n’ibibazo biri mugihugu bibaraba. Kurikira

Mu gisata c’impunzi naho, imbere yo gusozera, havugwa impunzi z’abakongomani 16 hari mwo abana 6 zahagaritswe ku mus iwa 3 uheze mu gihe bari hafi y’ikambi yabo ya Musenyi muri komine Giharo mu ntara ya Rutana. Ico gihe, ngo bariko barinonora imitsi. Ngo haciye hakurikira isakwa ry’urutavanako mur’iyo, kambi no mu micungararo yayo, ivyateye ubwoba abayiba mwo. Iyi nkuru tuyibaze Parfait Mudasigana

Urakoze Parfait Mudasigana ni no kur’iyo nkuru yawe tugarukirije Amakuru makuru makuru yaranze ino ndwi, nkaba rero nshimiye mwebwe mwese mwafashe umwanya wo kuyumviriza, ngashimira kandi na bagenzanje bamfashije kuyatororokanya, mugire ibihe vyiza aho muherereye hose, n’aho kuw’Imana uza, n’agahindukira kuri Rdiyo Inzamba Agateka Kawe

Ibindi bisa n'ibi