I. Umukenyezi yitwa Alexine Musabwasoni w’imyaka 40, wo ku mutumba Martyazo, zone Kiremba, komine Gasorwe y’intara ya Muyinga, yaraye yishwe acumiswe imbugita n’umugabo wiwe, nk’uko amakuru ava mu ntwaro ku mutumba Martyazo avyemeza. Uwundi mukenyezi wo ku mutumba wa Kaguhu ni muri komine Gasorwe nyene, wewe akaba yararusimvye, inyuma yo guturirirwa mu nzu na musazawe mw’ijoro ryakeye, nk’uko mu ntwaro aho i Kaguhu abimenyesha. Abakekwako ivyo vyaha bibiri bakaba bose bari mu gasho k’inyamiramabi i Gasorwe.
II. Abanyagihugu bafise amatongo mu Gasenyi hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu, muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, bazindutse bugarije ku biro vy’ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije, aho baje gusaba umuzibukiro wabo. Nk’uko Emmanuel Niyongabo aserukira abo banyagihugu abimenyesha, bamwe muri bo bakaba baramaze kuronswa umuzibukiro wabo, abandi na bo hakaba haciye umwaka batarawuronka. Ni mu gihe ayo matongo leta iyakeneye mu ntumbero y’igikorwa rusangi. Abo banyagihugu bakidogera ababijejwe ko ataco barabamenyesha.
III. Umuyobozi mukuru mu bushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ibidukikije Ndayikengurukiye Diomède, akaba ata nyishu itomoye yabashikirije, aho yabasavye kwihangana bakarindira ikigiye gukorwa.
IV. Indyane ziri mu mugambwe CNL ziri mu rukurikirane rw’imigambi yo gusambura imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, itegurwa na bamwe mu bategetsi ba leta. Ivyo bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD Zigamibanga, inyuma yaho kuri uyu wa mbere uheze, umugwi w’abanywanyi ba CNL bashizeho uwurongoye uyo mugambwe, mu gihe usanzwe urongowe na Agathon Rwasa. Mugwengezo agasigura ko ivyo vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD ubikoreshwa n’ubwoba bwa kazoza k’umugambwe usa n’uwuriko uratakaza inguvu. Agasaba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu kureka kwivanga mw’itunganywa ry’imigambwe.
V. Amahera azokoreshwa mu biro vy’umukuru w’igihugu mu mwaka wa 2023 ushira uwa 2024 mu bisata bimwe bimwe yarongerejwe kugeza ku bice 50 kw’ijana nk’uko bibonekera mu rwandiko rwashizwe ahabona, ayo mahera y’umurengera yiyongereye akaba ata handi azoja atari mu mufuko w’umukuru w’igihugu Evaritse Ndayishimiye. Bishikirizwa na Frederiko Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Ku bwiwe, hari ibisata mu biro vy’umukuru w’igihugu ataho bitanga icegeranyo, gutyo amafranga bikoresha akaba azotwarwa na Evariste Ndayishimiye.
VI. Frederiko Bamvuginyumvira arongera akamenyesha ko hejuru y’amahera ahabwa umukuru w’igihugu ku bijanye n’ingendo za Leta, umukuru w’igihugu yongera akaronswa kandi amahera yo kwitwaza mu rugendo Frais de mission mu rurimi rw’igifaransa. Aha Bamvuginyumvira akibaza ico ayo mafranga yose akora.
VII. Kugira ngo rero igihugu gishobore gutera imbere, hari vya nkenerwa vy’ifatiro Leta itegerezwa gushira imbere. Muri vyo harimwo ko Leta itokwivanga mu bikorwa vyose vy’iterambere ry’igihugu, hamwe no gushira mu bibanza bitandukanye ababishoboye, bibaye na ngombwa igahamagara n’abanyamahanga. Ivyo n’ivyashikirijwe na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rihamagarira abarundi guhindura ingendo bashike kw’iterambere rirama. Ni mu gihe kuri uno wa gatatu ryari riramutse rishira ahabona agatabu kerekana ivyo Leta yari ikwiye gufatirako kugira Uburundi mu mwaka 2040 buzobe buri mu bihugu biri mu nzira y’iterambere, naho mu mwaka 2060 buzobe bugeze ku ntambwe y’iterambere.