Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 18/08/2023

Publié le 18 août 2023 par Rédaction
I. Ababanyi hamwe n’incuti za Désiré Manirambona yaba muri quartier Heha, muri zone ya Kamenge, baratera akamo ko kumutabariza inyuma yaho anyururijwe ku wa 31 Mukakaro 2023 mu ntara ya Kayanza. Ababibonye bavuga ko yafashwe mpiri n’abari mu modoka ya pick up y’iperereza, hari nk’igihe c’isaha cumi n’imwe z’umugoroba igihe yariko aradandaza nk’uko bisanzwe mw’isoko ya Kayanza. Umuryango wiwe ukaba waragerageje kumurondera mu mabohero atandukanye ariko baramubura.
II. Abacamanza batatu ba sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bururi bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bururi, kuva kw’igenekerezo rya 16 za kuno kwezi. Bagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu. Amakuru ava ngaho i Bururi akaba atumenyesha ko abo bacamanza bafashwe inyuma yaho bafatiye ingingo yo kurekura abanyororo batandatu, bari bapfungiwe mw’ibohero ryo ku Murembwe bagirizwa ko batemye abantu bakoresheje imipanga, muri komine ya Bururi kuko basanze ata caha kibagira. Bamwe mu bo bakorana bavuga ko bariko bazira ubusa.
III. Amakenga ni menshi ku bakozi bo mw’ishirahamwe rijejwe gucungera umutekano ASEC, mu gihe baronswa imishahara yabo batevye. Nk’uko bamwe muri bo baganiriye na radiyo Inzamba babimenyesha, ngo n’iyo ubonetse bawuronka batevye. Bagasaba ubushikiranganji bujejwe umutekano busanzwe ari bwo bujejwe kugendura ayo mashirahamwe, kubagarukirako.
IV. Abaguzi na cane cane bafise imiryango ikoresha isukari baratewe amakenga n’ubukene bw’isukari bumaze igihe kirenga indwi 2 bwibonekeza, kuva ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari ridugije igiciro cayo kuva ku 2500 ku kiro ikaja ku 3300 y’amahera y’amarundi. Igitangaje ngo n’uko Leta yemeye ko igiciro c’isukari kiduga kandi abaguzi batayironka. Uno munsi aho ibonetse ku gihamana, ikiro kigurwa amahera ari hagati ya 6500 na 7500 naho nyene mu kinyegero. Abaguzi bagasaba abajejwe intwaro kubaza imvo ituma itaboneka.

Ibindi bisa n'ibi