Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/08/2023

Publié le 21 août 2023 par Rédaction
I. Hari umugabo yaraye yishwe ku mutumba Gatete wo muri komine Busoni intara ya Kirundo. Yagandaguwe arashwe n’umupolisi, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana. Amakuru ava aho muri iyo komine avuga ko uwo mupolisi yarashe mu gihe abanyagihugu bariko baragerageza kumwankira ko atwara abantu yari ahagaritse.
II. Abakenyezi bapfungiwe mw’ibohero ry’i Muyinga bariko barahohoterwa bahorwa Floriane Irangabiye. Uno munsi mu gitondo bagiye babona bose babankira kuja kwivuza hamwe n’uko babazanira indya biguriye hanze. Iyo ngingo ikaba yafashwe n’uwujejwe imibano aho muri iryo bohero. Uwuhirahira wese kwegera aho abakenyezi bapfungiwe aca afatwa agapfungirwa mu bwiherero bw’abagabo, agakubitwa n’abanyororo babiri b’abagabo, bahagarariwe n’uworongoye iryo bohero. Abo bakenyezi bakaba baciye bafata ingingo yo kwisonzesha kuva ku musi w’ejo wa kabiri.
III. Umukenyezi w’imyaka yababa mirongo itandatu yarakubaguwe kuri uyu w’Imana n’umupolisi azwi kw’izina rya Moise Arakaza, batazira Nyeganyega. Ivyo bikaba vyabereye ku mutumba na zone Muyange, uri muri komine Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba. Amakuru dukura kuri uwo mutumba, amenyesha ko uwo mupolisi yamusanze mu rugo iwe, amwagiriza kuba ari mu bariko bararorera ihiganwa ry’abaririmvyi ryari ryabereye ku kibuga c’umupira co muri iyo komine, aca amurengerako aramukubita. Ivyo bikaba vyateye uruhagarara kuri uwo mutumba, aho n’abariko barasengera mu rusengero rw’aba anglican baciye bahagarika gusenga. Uwo mupolisi batazira Nyeganyega yama yagirizwa amabi atandukanye muri iyo komine. Abanyagihugu bo kuri uwo mutumba bagasaba abarongoye igipolisi muri iyo ntara kumufatira ibihano, kuko abandanya ababangamira.
IV. Abarimyi b’ikawa bo mu ntara ya Kayanza bashoreye ikawa yabo ku matonorero y’abikorera utwabo mw’isizeni y’uwu mwaka wa 2023, baridoga ko kugera ubu batarahembwa amafranga yabo. Bakavuga ko ico ari ikibazo mu gihe bari mw’irima ry’agatasi kandi bimirije kurungika abana kw’ishure. Bagasaba ko boronswa ayo mafranga kugira bashobore kwikenura.
V. Iyubahirizwa ry’amasezerano y’amahoro ya Arusha ryotuma abarundi basubira kubana mu mahoro nk’uko vyahora. Ivyo bivugwa n’abanyagihugu bo mu ntara za Makamba na Rutana, bashikiriza ico biyumvira ku ngendo z’inama nkenguzamateka y’Uburundi iriko iragira, kugira imenye ico abarundi biyumvira ku ngingo yo gukuraho canke kugumizaho ivy’amoko mu nzego nkuru z’igihugu. Abo banyagihugu bavuga ko hacibonekeza ikumira rifatiye ku bwoko, ari na co gituma babona ko iyo ngingo yogumizwaho nk’uko bisanzwe bitegekanywa n’amasezerano y’amahoro ya Arusha.
VI. Mu makuru y’inkino, Uburundi ntibwitavye inkino zihuza amashure yisumbuye yo mu bihugu vy’akarere ka Afrika y’ubuseruko. Inkino ziriko zibera i Huye mu gihugu c’Urwanda. Ibihugu vy’ubudagi mu bagabo na Espagne mu bigeme ni vyo vyaraye bitahukanye ibikombe mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaboko wo ku mucanga Volleybeach zabereye i Bujumbura. Na yo Bumamuru ku munsi wa gatandatu hariya mu gihugu ca Gabon yaranganije igitsindo kimwe ku kindi na cercle sportif de Bendje mu nkino z’igikombe c’imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Ibindi bisa n'ibi