I. Imyidogo ni myinshi ku banyororo bo mw’ibohero rikuru rya Gitega. Ni mu gihe umunyororo atwara abandi azwi kw’izina rya Japhet ababangamiye, haba mu kubanyaga utwo bafise, no kubasaba amafranga kugira baronke uburenganzira bwabo. Abo banyororo bakaba biyamiriza ifatwa ry’umunyororo yashize ahabona ivyo bikorwa n’uyo abaserukira bakamufungira aho bita mw’ikosorero. Ubuyobozi bw’ibohero bukaba bwagirizwa kuraba hirya kuri ivyo bikorwa n’uwo aserukira abanyororo.
II. Abagore bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga na bo bavuga ko bazobandanya yegeregere yo kwisonzesha batanguye kuri uno wa kabiri, gushika barenganuwe. Iyo ngingo bakaba bayifashe inyuma y’inama yahuje umuyobozi w’ibohero rikuru rya Muyinga n’abagore n’abagabo baserukira abanyororo. Inama isa n’uko atacavuyemwo.
III. Umuhari Inamahoro w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi uriyamiriza ihohoterwa ririko rigirirwa abagore n’abigeme bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga, bagirizwa ko bashigikiye umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfungiwe muri iryo bohero, umwaka ugiye guhera. Abo bagore bari muri iryo bohero kuva kuri uno wa mbere ntibarekuriwe kwivuza no kuronswa imfungurwa zivuye hanze. Uwugize nawe ngo aregereye aho bapfungiwe arakubitwa agashaya. Abarongoye iryo bohero bakavuga ko abo bakenyezi bashigikiye umwicanyi. Marie Louise Baricako arongoye uyo muhari ariyamiriza iyo nyifato y’abarongoye iryo bohero, akavuga ko iciye kubiri n’amategeko.
IV. Hari umwigeme wo ku musozi Gitwa muri komine Mwumba n’intara ya Ngozi, kuva kuri uwu wa mbere ari mu minwe y’inyamiramabi. Akaba yagirizwa kuba ku musi wa gatanu w’indwi iheze yarataye mu kazu ka sugumwe umwana yari ahejeje kwibaruka, akaba yari yaciye ahungira mu gihugu kibanyi c’Urwanda, ari na ho yafatiwe kuri uwu wa mbere nyene.
V. Umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa uriyamiriza inyifato uvuga ko iteye isoni iriko iraranga umugwi w’abantu 10 biyonkoye kuri uwo mugambwe, uherutse kumenyesha ko uhagaritse mu mabanga umukuru w’umugambwe hamwe n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe. Mw’itangazo ryasohotse kuri uyu wa kabiri, umugambwe CNL umenyesha kw’abo bantu 10 ata burenganzira na bumwe bafise bwo kugira ama nama biyitirira urwego rukuru rw’umugambwe, urwego bahagaritswemwo, hama bagafata ingingo zega umugambwe CNL.