Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 23/08/2023

Publié le 23 août 2023 par Rédaction
I. Umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Gervais Ndirakobuca aragabisha abanyagihugu bo muri komine ya Mabayi, mu ntara ya Cibitoke, bashigikiye imigwi yitwaje ibirwanisho icumbitse mw’ishamba rya Kibira. Yabagabishije mu nama yariko aragirisha abajejwe intwaro, inzego z’umutekano hamwe n’abanyagihugu, hari kuri uyu wa kabiri. Umushikiranganji wa mbere akaba yatanze itegeko ko uwuri mu bajejwe intwaro wese ashigikiye iyo migwi afatwa agafungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
II. Abakenyezi bafunzwe bakwiye gufatwa mu buryo bwihariye, kuko bafatwa nk’abantu b’intege nke, nk’uko itegeko rigenga amabohero ribivuga. Ivyo bishikirizwa na Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe rikristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Ni mu gihe uno munsi ugira uwa gatatu abakenyezi bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Muyinga bisonzesheje, mu ntumbero yo gusaba ko uburenganzira bwabo bwokubahirizwa. Anitha Gateretse asaba umushikiranganji w’ubutungane kwihutira gutora umuti w’ico kibazo, kugira abo bakenyezi batunganirizwe.
III. Anitha Gateretse abandanya asaba umushikiranganji w’ubutungane, kwitwararika ibibera mw’ibohero rikuru rya Gitega, aho uwuserukira abandi banyororo azwi kw’izina rya Japhet Atibu yica agakiza muri iryo bohero, kandi abarirongoye barorera, aho babandanya kubifata minenerwe kuko hari ubunyonyezi basangiye.
IV. Haravugwa ubunyonyezi ku bitaro vy’i Gahombo ni muri komine Gahombo mu ntara ya Kayanza. Ubwo bunyonyezi bukaba bufatiye kw’isoko ryatanzwe n’umuyobozi w’ivyo bitaro Dorine Kanyange. Isoko rigizwe n’ibikoresho vya nkenerwa vyo mu biro, n’ibikoresho vy’isuku yahaye uwo bubakanye ata mahiganwa yabaye. Abakozi basaba ko ivyo bitaro vyogarukirwa amazi atararenga inkombe.
V. Abantu bafata ingendo mu miduga minini minini nka Memento, Volcano na As-Trans bava mu ntara ya Muyinga baja i Bujumbura canke bava i Bujumbura baja i Muyinga, baratewe umutima uhagaze n’ibitigiri vy’umurengera vy’abantu biyunguruza muri izo modoka ugereranije n’ibisanzwe bizwi n’amategeko. Bamwe muri izo ngenzi bavuganye na Radiyo Inzamba bakadoma urutoke kandi ku bapolisi bo mw’ibarabara ko badafata ingingo zibereye, kugira ngo batuze iyo nyifato yo guhonyanga amategeko.

Ibindi bisa n'ibi