I. Hagiye kuzofatwa mu minsi iri imbere izindi ngingo kugira umuhari M23 wemere gushira mu ngiro amasezerano yo kugarukana amahoro muri Republika iharanira demokrasi ya Congo. Ivyo n’ivyashikirijwe kuri uno wa mbere n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye inyuma y’urugendo yagize muri ico gihugu, aho avuga ko izo ngingo zizofundikirwa mu nama y’akarere ku bijanye no kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.
II. Umugambwe CNDD-FDD warasubije inyuma cane ingingo zijanye n’amahoro no kunywanisha abarundi, nk’uko zari zitegekanijwe mu masezerano y’i Arusha. Niko bibonwa n’urunani rw’abatavuga rumwe na leta CFOR Arusha, mu gihe ku munsi wa mbere hibukwa imyaka 23 ayo masezerano ateweko igikumu. Ku bwa Frédéric Bamvuginyumvira arongoye urwo runani rwa politike, umugambwe CNDD-FDD usanzwe wagirizwa ivyaha bitandukanye mu Burundi, ntiwari gushobora gushira mu ngiro ingingo zijanye n’ugusubiza hamwe, uca uhitamwo kwikunda mu kibanza ca kazoza k’Uburundi. Bamvuginyumvira agahamagarira aberwa n’ayo masezerano bose guhaguruka agasubizwa umutamana.
III. Ubushikiranganji bw’ubutungane bwatunganije kuri uyu munsi wa kabiri igenekerezo rya 29 Myandagaro mw’ibohero rya Rumonge umunsi wo guhimbaza umunsi wahariwe Nelson Mandela, usanzwe uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 18 Mukakaro. Mw’ishirahamwe rukristu ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu bavuga ko uyu munsi uhimbajwe mu Burundi mu gihe abanyororo batorohewe mu mabohero yo mu Burundi bamwe mbere bakahasiga ubuzima, kubera kutaronswa uburenganzira bahabwa n’amategeko. Anitha Gateretse, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, asaba abajejwe ubutungane kwubahiriza agateka k’abanyororo kuko nabo ari abantu nk’abandi.
IV. Umugambwe MSD utavuga rumwe n’ubutegetsi uratera ivyatsi umugambi wo gutunganya igisagara Vision 2040 nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo inyubako. Ivyo biri mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona kuri uyu wa kabiri, aho ushikiriza ko uwo mugambi ata kindi ugamije atari ukwihagira amatongo y’abanyagihugu.
V. Buramatari w’intara ya Muyinga Jean Claude Barutwanayo aragabisha abikika mu kiza mu kugura amatongo ya ba ntahonikora. Yabishikirije kuri uyu wa mbere mu nama yagiranye n’abanyagihugu ba komine Muyinga, mu ntumbero yo kwishura ibibazo bibabakiye. Kubwa Buramatari Barutwanayo, abagura be n’ayo matongo baba biteze umutego kuko hamwe umukenyezi w’uwagurishije azomwitura ku ngorane zo kutagira aho akubita isuka, azoca amusubiza iryo tongo.