Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 05/09/2023

Publié le 5 septembre 2023 par Rédaction
I. Ubu kirazira kikaziririzwa kwambara canke gucuruza impuzu zisa n’iz’igisirikare canke n’iz’igipolisi. Ivyo ni ivyavuzwe kuri uyu wa mbere n’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Colonel Floribert Biyereke, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Yasiguye ko izo mpuzu zambawe n’abanyagihugu basanzwe, bishobora gutera umutekano muke. Abafise izo mpuzu bahawe indwi zibiri kugira ngo babe bazishikirije abajejwe umutekano, inyuma y’ico kiringo uwuzofatwa azambaye ngo azohanwa hakurikijwe amategeko.
II. Urunani CFOR-Arusha rutavuga rumwe na leta rurashima iyo ngingo yo kubuza kwambara izo mpuzu zisa n’iz’igisirikare canke z’igipolisi. Urwo runani rugasaba ariko ko leta yoca ibishira mu ngiro ntibibe ivyo mu majambo gusa, izo mpuzu bakazaka imbonerakure kuko ari zo zitera akajagari mu gihugu zambaye izo mpuzu.  Urunani CFOR-Arusha rusaba ko izo mbonerakure zokwakwa n’ibigwanisho zifise, kuko bitera umudugararo mu gihugu. Jean-Bosco Rwigemera, icegera c’umukuru w’urunani CFOR-Arusha.
III. Abadandaza b’isukari bo mu ntara ya Muyinga biziziwe n’ingeso yo kuzimba abaguzi basabwa kuvavanura n’iyo ngendo mu maguru masha. N’akamo batewe kuri uyu wa mbere na buramatari w’intara ya Muyinga, Jean-Claude Barutwanayo, mu nama yamuhuje n’abadandaza b’isukari hamwe n’abarongoye ama komine.  Uwo mutegetsi akavuga ko abadandaza bazokwica amatwi ntibagendere kuri izo mpanuro, bagiye gufatirwa ibihano bitandukanye, harimwo nko gukurwa burundu ku rutonde rw’abadandaza isukari, gutangishwa ihadabu mbere no gufungwa bidasigaye inyuma.
IV. Abantu batanu barafashwe kuri uno wa mbere mw’ikambi y’impunzi z’abarundi i Nyarugusu muri Tanzaniya n’abo bita abasungusungu. Amakuru ava muri iyo kambi akavuga ko bafashwe bagirizwa ko bariko bakora urudandazwa rutemewe n’amategeko.
V. Urunani rw’abaharanira agateka ka muntu baba mu makambi y’impunzi CBDH-VICAR rirababazwa n’amabi aguma akorerwa impunzi mw’ikambi ya Nyarugusu, co kimwe no mu yandi makambi y’impunzi ari mu gihugu ca Tanzaniya. Jean-Bosco Vyizigiro, avugira iryo shirahamwe asaba abo bose bafise ijwi rishika kure gutabariza izo mpunzi, kugira uburenganzira bwabo bwubahirizwe.

Ibindi bisa n'ibi