Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 06/09/2023

Publié le 6 septembre 2023 par Rédaction
I. Sentare nkuru y’igihugu ya Rutana yahanishije mu rubanza rw’ikibiriraho rwo kuri uyu wa kabiri, Bukuru Jean, umunyororo w’imyaka 2 n’amezi 6 hamwe n’ihadabu y’amafranga 400.000, mugenzi we Ndayishimiye Nestor ahanishwa uwo munyororo nyene ariko we agatanga ihadabu y’amafranga y’amarundi angana umuriyoni. Abo bagabo bakaba baciriwe urubanza inyuma yaho bari bafashwe kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 4 uku kwezi, bariko biba mu mirima y’ibikaju vy’ishirahamwe rihingura isukari SOSUMO. Bose uko ari babiri bakaba baburanye bemera icaha.
II. Abakukuruke bahoze bakora akazi ka leta basaba umukuru w’igihugu gushira mu ngiro akarusho yabemereye ku ga pansiyo baronka. Bavuga ko yari yakabemereye igihe yimikwa mu mabanga yo kurongora igihugu, ariko gushika ubu ataco bararonka mu gihe haheze ikiringo c’imyaka itatu irenga. Bavuga ko aga pansiyo baronswa buri mezi atatu ataco kakibamariye, kuko ibintu vyaduze ibiciro ku rugero rudasanzwe.
III. Ubushikiranganji bw’abakozi ba leta bwategerezwa gukora amatohoza yose ashoboka, imbere yo gufata ingingo yo guhagarika umushahara w’abakozi bitwako batagitonda ku kazi kabo. Imbere yo guhagarika umushahara, umukozi abwirizwa kubimenyeshwa imbere y’igihe. Ivyo bivugwa na Eulalie Nibizi yahoze ari umukuru wa sendika y’abakozi bakora mu gisata c’indero, STEB. Akabivuga kubera imyidogo y’abigisha batari bake bagize imisi bavuga ko haheze amezi ane umushahara wabo wahagaritswe kuri izo mvo, kandi bo bavuga ko batonda ukuri kwamye. Eulalie Nibizi asigura ko amategeko ajanye no guhagarika umushahara w’umukozi wa leta yahonyanzwe.
IV. Abakoresheje ikibazo abarondera akazi ku rwego rw’intara zitandukanye, baridoga ko bataronkejwe amafranga ababeshaho mu misi bariko bakoresha ibibazo n’uguhagararira ikosorwa ryavyo.  Ivyo bikaba vyabatwaye hamwe imisi iri hagati y’itatu n’ine bari mu ma komine atandukanye. Bagasaba ubushikiranganji bw’abakozi ba leta kubashumbusha, kuko bakoresheje uburyo bwinshi.
V. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yahaye iminsi ibiri uhereye ku munsi wa kabiri, abarongoye ishirahamwe FOMI ngo babe bamushikirije ikirangaminsi c’ingene ifumbire ya FOMI izotangwa muri uyu mwaka A w’uburimyi ugiye gutangura. Mu kiganiro n’abajejwe intwaro bari kumwe n’abajejwe indimo n’ubworozi mu ntara, icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe FOMI akaba yatanze inyishu, umushikiranganji wa mbere avuga ko zidatahuritse ku bijanye n’ingene iyo fumbire izoboneka.
VI. Mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzaniya, ihohoterwa rikorerwa impunzi z’abarundi ziri muri ico gihugu ntirikiri agaseseshwa rumuri. Ivyo n’ibiri mw’itangazo ryasohowe n’urunani rw’abaharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi z’abarundi CBDH-VICAR aho bavuga ko n’ivyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu na yo nyene adahengeshanya kuvuga ko agateka k’impunzi z’abarundi katubahirijwe mu gihugu ca Tanzaniya. Urwo runani rukavuga ko n’uwutwara igisata c’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu muri Tanzaniya Sudi Mwakibasa nawe nyene avyemeza. Jean-Bosco Vyizigiro, ni umuvugizi wa CBDH-VICAR.

VII. Igisirikare c’akarere ka Africa y’ubuseruko kiri muri Congo iharanira intwaro rusangi congewe ikiringo. N’ingingo yafashwe ejo ku wa kabiri n’abakuru b’ibihugu vy’Africa y’ubuseruko. Bari bakoraniye i Nairobi muri Kenya mu nama idasanzwe igira iya 22. Muri iyo nama, abo bakuru b’ibihugu bakaba bemeje ko kuva ico gisirikare kiri aho mu buseruko bwa Congo habaye impinduka nziza.

Ibindi bisa n'ibi