Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 08/09/2023

Publié le 8 septembre 2023 par Rédaction
I. Abegereye umuryango w’umuganga w’ibitungwa Désiré Sindayigaya aba muri zone Buringa komine Gihanga, bamenyesha ko ata gakuru k’uwabo bafise kuva aho ahagarikiwe n’igipolisi, haraheze iminsi ibiri. Bamenyesha ko barondeye mu busho bwose buzwi gushika mu gisagara ca Bujumbura, ariko ntibamutora. Bagasaba umugwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu kubafasha kumenya aho uwabo yoba apfungiwe.
II. Imyaka icenda irarumanye ababikira batatu baturuka mu gihugu c’Ubutaliyano bo muri paruwasi ‘Guido Mariya Comforti’ yo mu Kamenge bagandaguwe bunyamaswa. Gushika kino gihe, ubutungane bw’Uburundi ntaco burakora kugira ngo abakoze ubwo bubisha bashengezwe imbere y’intahe, abagiriwe n’icaha bahanwe hisunzwe amategeko.
III. Mu gihe ubutegetsi bwa CNDD-FDD buzoba bukiri ku butegetsi mu Burundi, ababikira batatu b’abataliyano ntibazokwigera baronka ubutungane, kuko bishwe n’inzego z’umutekano. Bishirwa ahabona n’umumenyeshamakuru Bob Rugurika yagize amatohoza kuri ubwo bwicanyi. Bob Rugurika akababazwa n’inyifato y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yirengagiza akarenganyo kariko kagirirwa Christian Butoyi apfunzwe arenganijwe muri iyo dosiye, haraheze imyaka 9.
IV. Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 8 nyakanga n’umunsi mpuzamakungu wahariwe kwigisha gusoma no kwandika abakuze. Uwu munsi ushitse mu gihe mu Burundi ibice mirongo itatu n’indwi kw’ijana ari vy’abarundi batigeze baja mw’ishure. Uburyo nabwo bushirwa muri ico gice co kwigisha abakuze gusoma no kwandika ni intica ntikize, kuko kidashikana n’igice kimwe kw’ijana ry’amafranga leta yashize mu gisata c’indero.
V. Abarimyi bo mu ntara ya Makamba barashima aho bagejeje imyiteguro yo gutera imbuto, kuko igihe c’imvura cageze. Ariko abo barimyi baranegura ingene umwavu w’ikizungu uteba kubashikira kugira batere. Basaba kuyironswa ku gihe kubera hariho abamaze gutanga amahera ya mbere.

Ibindi bisa n'ibi