I. Abantu indwi barakomerekejwe n’ikimodoka bimwe bikwegana, ku mugoroba wo kuri uwu wa gatanu, cataye inzira giseka isengero ryegereye ibarabara, Église évangélique de l’Afrique centrale. Iryo na ryo rikaba riri ku musozi Magamba wo muri komine n’intara ya Kayanza. Mu bantu bari mu masengesho, Imana yarakinze nta wahasize ubuzima, abakomeretse baguweko n’ibihome vy’inzu yagonze. Ico kimodoka cariko kiva mu gisagara ca Bujumbura kija i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Bene iyo modoka bakavuga ko iryo sanganya ryaturutse ku gucika amafire. Mukamenya ko no ku mugoroba wo ku munsi wa mbere uheze w’iyi ndwi, hari ikindi kiduga nk’ico nyene cari caguye kigaramye mw’ibarabara muri iyo micungararo nyene nko ku metero 100, iryo joro ryose rikaba ryakeye iryo barabara ridahita.
II. Imyaka 27 irarumanye kuri iri genekerezo rya 9 nyakanga umwaka wa 2023 uwahoze ari Musenyeri wa diyoseze Gitega Yohakimu Ruhuna yishwe ari kumwe n’abandi babikira babiri. Akaba yishwe mu mwaka wa 1996. Akaba yiciwe muri zone Gitongo ya komine Mutaho hafi y’uruzi Mubarazi. Inyuma y’iyo myaka yose habaye ubwo bwicanyi, nta butungane buraboneka kugira hamenyekane ababukoze bashengezwe imbere y’intahe, naho bivugwa na benshi ko ubwo bwicanyi bwakozwe n’umugwi wagwana ico gihe wa CNDD-FDD.
III. Umushingwamanza Gustave Niyonzima yanonosoye ibijanye n’amategeko avuga ko ubutungane bw’Uburundi ata gushaka na guke bwigeze bugira kugira abagandaguye musenyeri Yohakimu Ruhuna bamenyekane. Uyo asanzwe arongoye urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira mu ma sentare mpuzamakungu abakorewe amabi mu Burundi, akizera ko ubutungane mpuzamakungu buzoteba bugakurikirana abagandaguye musenyeri Yohakimu Ruhuna.
IV. Itotezwa ririko rikorerwa impunzi z’abarundi mu gihugu ca Tanzaniya rirateza urubwa ico gihugu n’ishirahamwe HCR. Ivyo bivugwa na Marie Louise Baricako, arongoye umuhari INAMAHORO. Akaba abishikirije inyuma y’amakuru radiyo Inzamba imaze iminsi ishikiriza ko inkambi z’impunzi za Nduta na Nyarugusu zibayeho mu makuba adasanzwe, aho imyanda yo mu tuzu twa surwumwe twuzuye tugatera ikambi ya Nduta, abantu 120 bagafatwa bahorwa ko bariko badandaza utuntu duto duto bagaca babesherwa ko badukuye hanze, udutoke bitereye tugacibwa, kugeza aho bankirwa no kwivuza. Marie Louise Baricako agahamagarira ubutegetsi bwa Tanzaniya na HCR kwikubita agashi bakubahiriza uburenganzira bw’izo mpunzi.
V. Mu kiganiro Kw’Isôko c’uno munsi, tugaruka ku ngingo iherutse gufatwa n’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ingingo yongera ikiringo c’amezi atatu inteko za EAC zagiye kugarukana amahoro mu ntara ya Kivu yo mu buraruko, mu gihugu ca republika iharanira demokrasi ya Congo.