I. Igiciro c’igitoro mu Burundi kibandanya kuduga. Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu kuri uno wa mbere, mu gisagara ca Bujumbura, essence ivuye ku mafranga 3.985 ija ku bihumbi 4.450. Mazout ivuye ku mafranga 3.795 ija ku bihumbi 4.250. Na yo petrole ivuye ku mafranga 3.739 ija ku 4.135. Mu gihugu hagati, ibiciro vy’igitoro bikaba bigenda bihindagurika bivanye n’intara. Ibrahim Uwizeye ni umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu.
II. Imyidogo ni yose mu bunguruza abantu ku mapikipiki mu ntara ya Gitega. Imvo nyamukuru akaba ari iduzwa ry’amafranga yo kuriha impanuka ziturutse ku masanganya, yadugijwe ibice birenga mirongo icenda kw’ijana ku mapikipiki yunguruza abantu. Ayo mafranga yavuye ku bihumbi amajana abiri na mirongo umunani n’umunani, ashirwa ku bihumbi amajana ane na mirongo icenda na bine n’amajana atanu. Ivyo bikaba bije vyiyongera ku ngingo yafashwe y’uko ngaho i Gitega, abunguruza abantu ku mapikipiki bapfunga akazi isaha imwe z’ijoro. Bavuga ko bariko bakora bahomba.
III. Bamwe mu badandaza b’isukari ya SOSUMO ngo bagiye guhagarika kurangura iyo sukari, mu gihe ibiciro bitogabanurwa canke ngo baronswe ububiko bwayo ku murwa mukuru w’intara ya Makamba. Abo badandaza bavuga ko bakora bahomba amafranga ari hagati y’amajana atatu n’amajana umunani ku mufuko.
IV. Abanywanyi b’umugambwe CNL mu ntara ya Muyinga baridogera abarongoye intwaro n’abajejwe umutekano muri komine Muyinga. Bamenyesha ko abajejwe intwaro hamwe n’abarongoye abajejwe umutekano muri iyo komine bahengamiye ku ruhande rw’umugwi uriko ushaka gusambura umugambwe CNL. Bamwe muri abo banywanyi ba CNL bakaba bafatiye ku vyabereye ku munsi w’Imana muri Hôtel Credo Ku mutumba Kibogoye. Abajejwe intwaro, eka n’abarongoye umutekano bahagarariye akagwi k’abashingamateka biyonkoye ku mukuru w’umugambwe CNL kariko kagira inama itazwi kw’izina ry’uwo mugambwe.
V. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaguru, kuri uyu wa kabiri niho hitezwe urukino rukomeye hagati y’Intamba mu rugamba, umugwi nserukiragihugu w’Uburundi hamwe n’uwa Cameroun, urukino ruzobera mu gisagara ca Garua muri Cameroun nyene. Nayo ihiganwa ku rwego rw’igihugu rigeze ku ndwi igira kane. Umugwi Vital’O ukaba gushika ubu ari wo uri mu kibanza ca mbere n’amanota 12.