Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 25/10/2023

Publié le 25 octobre 2023 par Rédaction
  1. Hari umushoferi  yunguruza abantu azwi kwizina rya Sahinguvu Hassan yanyurujwe kumuhingamo wo kuruno wakabiri  igihe cisaha icenda kugituro co mu Kinindo muri komine Muha mugisagara ca Bujumbura.Ababibonye bakavuga ko yanyurujwe nuwahoze ari komiseri wigipolisi mu Rumonge Melchior Kakizimana.Abiwe  bafise amakenga bagasaba ko bomenyeshwa aho uwabo apfungiwe nicazira.
  2. Abantu 7 nibo bamenyekanye ko baganduguwe, murabo ibiziga 3 bikaba vyaratowe mu ndwi iheze. Biri mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe Ligue Iteka hagati y’amagenekerezo ya 16 na 22 Gitugutu, aho kinerekana ayandi mabi yakozwe ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu rifatiye kugitsina, kuboreza igufa hamwe no kunyuruza abantu. Célestin Ruribikiye ajejwe kumenyesha amakuru muri Ligue Iteka akadoma urutoki kuri bamwe mu mbonerakure, mubajejwe intwaro hamwe no mu nzego z’umutekano kwaribo bakekwa gukora ayo mabi yose. Agasaba leta kubashengeza itagize aho ihengamira.
  3. Muntara ya Muyinga aho abagabo bane muribo 3 bari baje bava mu gihugu ca Kenya, bagiriwe n’icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu mugukora urudandazwa runyuranye n’amategeko, nibo Sentare nkuru y’igihugu y’intara ya Muyinga yahaye ibihano bitandukanye vyo gufungwa no kuriha ihadabu. Hari mu ntahe yayo y’ikibiriraho yo k’umuhingamo wo ku musi wa 2. Silas Ndikumana atigeze yemera icaha akaba yaciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka 3 no kuriha ihadabu ry’amafaranga angana n’umuriyoni, nayo Amos Irankunda yemeye icaha ahanishwa umunyororo w’imyaka 2, n’ihadabu ringana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi. Schadrack Nishimwe yari umudereva w’imodoka yari ireruye abo bagabo 2, irimwo n’ibidandazwa vya magendo bitandukanye, akaba yahanishijwe umunyoro w’amezi 6 no kuriha ihadabu ry’amafaranga 500.000. Mur’urwo rubanza nyene rw’ikibiriraho iyo Sentare yaciriye Jackson Itwunganire, igihano co gufungwa imyaka 2 no kuriha ihadabu ringana n’amafaranaga umuriyoni, akabayari yafatanywe imifuko y’ifarini ayikuye mu gihugu ca Tanzaniya. Kuva mu mpera y’ukwezi kwa Nyakanga abantu bashika 20 akaba aribo bamaze gufungwa na Sentare nkuru y’i Muyinga bagiriwe n’icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.
  4. Indwi yose irarumanye ata n’ima ry’amazi ribonetse muri karitiye Gitaramuka zone Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu, bavuga ko abatware bo mu nzego zo hasi badashikiriza ibibazo vyabo ku nzego zibijejwe. Batinya ko bashobora kwandura ingwara zifatira kw’isuku rike, bagasaba inzego zibijejwe kubaronsa amazi.
  5. Abarimyi bo mu ntara ya Makamba baridoga ko batakironka amase y’ibitungwa. Iyo abonetse na ho ngo aba azimvye.  Ibeni y’amase yavuye ku mafaranga ibihumbi 50  aja kuyari hagati y’ibihumbi  100 n’150. Ivyo bir’uko mu gihe kugeza ubu hari n’abatararonka ifumbire y’ikizungu.
  6. Ubukene bw’igitoro bwasuribiye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura kuva mu ntango z’iyi ndwi turimwo. Imirongo y’imiduga ishaka ico gitoro n’urutavanako ku mastasiyo atari make . Ishirahamwe OLUCOME rishinze kurwanya igiturire n’isesagugwa ry’amatungo ya leta, ribonako ubwo bukene bw’igitoro buva ahanini k’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, ubukene bw’ikigega ntegabizoza c’igitoro , hamwe rero  n’akamwana wa mama kibonekeza mu rudandazwa rw’igitoro. Iryo shirahamwe risaba leta gukora ibishoboka vyose kugirango itore ishishu y’iryo kena ry’igitoro ryama ryisubiriza.

Ibindi bisa n'ibi