Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 26/10/2023

Publié le 26 octobre 2023 par Rédaction

 

  1. Abanyeshure 13 bo kw’ishure ryisumbuye ry’i Nyagasebeyi muri komine Tangara n’intara ya Ngozi , barakubiswe n’inkuba ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu mu gihe bari mw’ishure. Muri Ico gihe ngo hakaba hariko hagwa imvura nyinshi irimwo imituragaro. Abajejwe intwaro n’umutekano bamaze kuhagera bagasanga bose baracahema , ngo baciye banyarukana abo bana ku bitaro vy’i  Musenyi ariko babiri muri bo ngo bari bamaze guta ubwenge . Muri Ico gihe ngo hari n’ibindi bitari bike vyononekaye nk’ibiyo vyo ku birasi vyamenaguritse , amakaye n’ ibitabu vy’abanyeshure vyaranyagiwe n’imvura , n’ibindi. Abarongoye iryo shure bagasaba abajejwe intwaro gufasha gusanura izo nyubakwa zononekaye ubuyobozi bw’indero muri iyo komine na bwo bukabaronsa ibindi bitabu.
  2. Umunyororo w’imyaka itanu, indishi y’akababaro y’amafaranga angana n’imiliyoni zitanu y’amarundi hamwe nukwakwa ikarata karangamuntu , nico gihano sentare ikukira intara ya Kayanza yaraye iciriye umugabo yitwa Pascal Nsabimana wo ku musozi Mugera , muri komine ya Kabarore iri mu ntara ya Kayanza . Iyo sentare imwagiriza kuba yarashatse kwica se wiwe mu kumukubita umupanga kw’izosi imana irakinga ntiyitaba imana.
  3. Umugwi w’abashingamateka b’igihugu ca Kenya bari mu nama nshingamateka  y’ibihugu bihurikiye mu muryango EAC, urasaba ko uBurundi na Sudani y’epfo vyorihirwa amadeni y’ibirarane bifitiye uwo muryango. Ariko rero ukwo kurihirwa amadeni ntivyokwijana. Abo bashingamateka basaba ishirahamwe EAC guca rikura ivyo bihugu mu bifata ijambo, ivyo bindi bihugu na vyo vyitanga gusumba, bikagira uburenganzira bwo gufata ingingo ntabanduka ivyo bita droit de veto mu gifaransa. Ico cegeranyo kiravuga ko ukudatanga intererano kw’ibihugu bimwe bimwe bituma uwo muryango ubura amafaranga ukoresha, bigatuma imigambi yoteje imbere abanyagihugu bo mu karere itarangurwa. Ikindi uwo mugwi w’abashingamateka usaba, ngo n’uko amategeko agenga uwo muryango yasubirwa mwo, agaha ikibanza ibihugu vyishura neza intererano y’umuryango ugize ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.
  4. Ubutegetsi mu Burundi bwiziziwe n’umurwi udashaka kuja hamwe n’abandi ngo bavugane ivya kazoza k’igihugu. Ivyo bivugwa na Fortuné Gaëtan Nzongo, intumwa idasanzwe ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu mu Burundi. Akavuga ko ata mpinduka arabona mur’ico gisata. Fortuné Gaëtan Nzongo abona ko bizofata igihe kugira haboneke inzego zishobora gufata neza mu minwe ikibazo c’agateka ka zina muntu mu Burundi. Yabivugiye kw’iradiyo ry’ishirahamwe ONU.
  5. Abasirikare barenga 20 bari mu nyigisho z’ibisongerezi vy’intwazangabo mu gisirikare c’u Burundi barirukanywe kuva kuri uyu wa gatatu. Imvo zoba zatumye birukanwa nkuko amakuru atangwa n’abasirikare avyemeza ngo ni uko boba barabeshe amanota baronse mu kibazo co mu mwaka w’icenda. Abo basirikare birukanywe bakaba bari bamanukanywe i Bujumbura bakuwe i Bururi aho bari baje gukora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kubandanya amashure mu gisata c’ubuvuzi. École paramédical. Bamwe mu basirikare bavuga ko batari kwirukanwa ahubwo ko bari kwankirwa gukora ico kibazo ariko bakabandanya akazi ka gisirikare.
  6. Imyidogo ni yose mubantu biyunguruza mumodoka rusangi  ziva muntara ya Muyinga zigana izindi ntara bihana imbibe. Bavuga ko abashoferi babarihisha amafaranga menshi bakongera bakabatwara bicaranyeko. Abashoferi bobo bavuga ko barihisha ingenzi bivanye nurugendo bafashe ningene igitoro kigurwa muri kino gihe.
  7. Isekeza rigira gatatu ryo gukingira abana bakivuga gushika kubafise imyaka indwi indwara y’ubukangwe mu Burundi yatanguye kuriri genekerezo rya 26 Gitugutu gushika kurya 30 uyu mwaka. Mw’itangazo ryashizzwe ahabaona n’ Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi buhamagarira abavyeyi bafise abana bari musi y’imyaka indwi kwitabira iryo sekeza kuneza y’amagara y’abana babo. Umushikiranagnji w’amagara y’abantu Liduine Baradaha asigura ko ico gikogwa gitunganije mugihe cose.

Ibindi bisa n'ibi