-
Umuhari urwana red Tabara uhamagarirwa gushira hasi ibirwanisho ugatahuka mu gihugu. Akamo gaterwa n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu mubonano yahaye kuri uyu wa kane intumwa z’ishirahamwe ry’abanyaburaya riraba ibijanye n’amahoro. Rosine Guilène Gatoni avugira umukuru w’igihugu akaba atomora neza ko murabo barwanyi, abasanzwe bakurikiranwa n’ubutungane bazobanza kwishura ivyo babazwa.
-
PIEDS : Mw’itangazo umuhari red Tabara washize ahabona kuri uno wa gatanu, Red Tabara imenyeshako itari muriyo nzira yo gusubiza ibirwanisho no gusubizwa mu buzima busanzwe. Uwo muhari umenyeshako ivyo wasavye bitarahinduka, ivyo navyo n’ibiganiro bihuza bose bitegura amatora yisunze amategeko, aciye mu muco kandi ahurikiyemwo bose.
-
Mu gihe hariko harasuzumwa ingene ivyiyubahirizwa ry’agateka ka muntu kifasha mu Burundi kuri uyu wa gatatu i Genève mu nama igira iya 36, intumwa idasanzwe ya ONU k’u Burundi FORTUNÉ GAETAN ZONGO yamenyesheje mucegeranyo yatanze yuko ibibazo bikiri vyinshi mubijanye n’iyubahirizy’agateka ka zina muntu, acayemezako inzego z’igihugu zihobahoba ari navyo bituma kurwanya ihonyangangwa ry’agateka ka zina muntu bigorana. Iyo mvugo ikaba itashimishije intumwa za leta y’u Burundi i Genève zari zirongowe na Maniratanga Zéphyrin. Uwo nawe akaba yavuzeko ico cegeranyo ari gito kandi kirimwo ubwenge buke, ciganjemwo gutyoza abarundi.
-
Umushingwamanza Armel Niyongere umwe mubaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi aranegura imvugo yuwo aserukira u Burundi i Genève, kuko ngwicafuza igihugu. Kwanka ivyari mucegeranyo ngo ntivyari bibi, ariko bigashikirizwa murupfasoni.
-
Hari umugabo avuga ko ariko ararenganywa na Sentare y’intango ya komine Bubanza, aho avuga ko ishaka kwinjiza umugore wiwe wa mbere kandi barahukanye bikurikije amategeko. Uwo mugabo asanzwe aba muri karitiye Gisovu mu gisagara ca Bubanza, atangazwa n’ingene iyo sentare nyene ari yo yamuhaye impapuro zivyemeza, mu nyuma ikihindukiza ikavuga ko yari yarihenze.
-
Abarimu bafise impamyabushobozi ariyo DIPLOME mugifaransa yo mu bwoko bwa D7 bo muri komine Nyanza Lac iri mu ntara ya Makamba bagize imisi bidoga. Bavuga ko hari ingingo yo mu bushikiranganji bujejwe indero idakurikizwa co kimwe kuri bose. Iyo ngingo ivuga yuko abakozi bose bafise DIPLOME D7 babwirizwa gushigwa ku rwego rw’abafise F3. Abo barimu bagatangazwa nuko abayobozi b’amashuli bafise iyo diplôme D7 bobo itabaraba, bakavugako ari akarenganyo.
-
Imyidogo ni yose mubanyagihugu bo muma komine Buhinyuza na mwakiro barimira kunkengera zuruhongore kama rwibikoko rwa Ruvubu. Bavuga ko ivyo bikoko bisohoka urwo ruhongore bikabonera imirima ariko ntibaronke inshumbusho nkuko amategeko abivuga. Basaba ko hoshingwa ikigega cigihugu kijejwe gushumbusha abanyagihugu ibintu vyabo biba vyononekaye kubera ivyo bikoko.