Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 28/10/2023

Publié le 28 octobre 2023 par Rédaction
  1. Abantu batatu bafatwa buri munsi kandi baba bariko bakorana  nabamwe  mubakozi bajejwe kwegeranya amakori na matagisi mugihugu bakora mukigo OBR.Ivyo bikaba vyashikirijwe numukuru wigihugu Evaritse Nda yishimiye hari kwigenekerezo rya 25 Gitugutu  muntara ya Muranvya aho yariko ashikiriza buramatari mushasha wiyo ntara.Umukuru wigihugu akaba yasavye abanyagihugu kuvavanura ningeso yo gukora urudandazwa rutemewe namategeko kuko abazofatwa  ngo bazohanwa vyakarorero .
  2. Abakenyezi bakoze ibikogwa vyo kwimba imikobeko Ku imitumba ya Ntamba,Munagano na Musenyi muri zone Munagano, komine n’intara Muyinga, baridogera  ishirahamwe PIPARV-Burundi ryabahaye akazi, ko haheze amezi agera kuri  2 bataronkejwe agahembo kabo.  Abo bakenyezi bakavuga ko ukutaboneka kw’ako gahembo vyabagizeko ingaruka mbi nk’umwumvikano muke n’abo bubakanye , kubura amikoro n’ibindi. Basaba abarongoye iryo shirahamwe kubaronsa agahembo bakoreye Ku neza y’imiryango  yabo.
  3. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku kamo ko gutahuka umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yateye abarwanyi b’umuhari witwaje ibirwanisho RED-Tabara.
  4. Ivyanditswe nibinyamakuru bitandukanye kuburundi.

 

Ibindi bisa n'ibi