Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 03/11/2023

Publié le 3 novembre 2023 par Rédaction

1.Abantu 29 barishwe mu kwezi kw’icumi guheze, 7 muri bo batowe ari ibiziga, 16 bakorerwa amabi afatiye ku gitsina, abandi baranyuruzwa bahorwa ko bari mu migambwe itavuga rumwe na Leta. Biri mu cegeranya ca Ligue ITEKA casohotse mu ntango y’uku kwezi kwa 11. Abagirizwa ayo mabi bakaba ari bamwe mu rwaruka rw’imbonerakure hamwe na bamwe mu ba polisi.

2.Umurwi w’igihugu nawo ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH biragaragara ko ukora utigenga koko uravye ingene yicamatwi ku mabi menshi akomeye ahonyanga agateka ka zina muntu. Biboneka ko ukorera ku gitsure ca leta. Ivyo bishikirizwa n’ishirahamwe IDHB rikurikiranira hafi ivyerekeye agateka ka zina muntu mu Burundi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu Human Rigths Watch . Mw’itangazo ayo mashirahamwe uko ari abiri yashize ahabona, yerekanyeko umurwi w’Uburundi CNIDH utari ukwiye ikibanza ufise uno musi mu vyerekeye guharanira agateka ka zina muntu, kuko ukora utigenga.

3.Umuhari M23 uratunga agatoki abasirikare b’u Burundi barungitswe kugarukana amahoro muri Congo. M23 imenyeshako abasirikare b’u Burundi bishize hamwe n’igisirikare ca Congo hamwe n’abarwanyi ba Wazalendo kugira bagwanye M23 co kimwe no mugukora amabi atandukanye ajanye n’ihonyanga agateka ka muntu. Canisius Munyarugerero avugira umugari M23 igisata ca politike, avuga kandiko abasirikare b’u Burundi ko bari mubafasha kwiyunguruza umuhari Wazalendo uhanganye na M23 kandi ivyo atarivyo abasirikare b’u Burundi batumwe gukora mubuseruko bwa Congo.

4.Kurivyo vyagirizwa abasirikare b’abarundi, uruganda rwa radio Inzamba Agateka kawe, rwarondeye kuri téléphone Floribert Biyereke avugira igisirikare c’u Burundi, ariko turamukena. Tubibutseko mw’itangazo igisirikare c’u Burundi caheruka gushira ahabona kubijanye n’ubutumwa bw’abasirikare babarundi barungitswe muri Congo, cari camenyeshejeko inteko ziriyo zikora akazi kazo neza zisunze akarangamutima n’amategeko yashizweho n’akarere ka afrika y’ubuseruko.

5.Ivyuma vya fer a beton bikoreshwa mubikogwa vyo kubaka bitujuje ubuziranenge ntibizosubira kwemeregwa kwinjira mu Burundi kuva igenekerzo rya 1 Nzero umwaka uza wi 2024. Ivyo vyashikirijwe kuruyu wakane n’ikigo c’igihugu BBN gishinzwe gusuzuma ubuziranenge bw’ibintu mu Burundi mukiganiro cahaye abamenyeshamakuru. Umuyobozi mukuru wico kigo Severin Sindayikengera asigura ko mw’isuzuma bakoze mumisi ihezee basanze hari ubwoko bushika 15 bw’ama fer a beton budakwije ubuzirangenge. Akavuga ko ata kigongwe kindi kizosubira gutangwa.

6. umutumire wa radio Inzamba agateka kawe.

Ibindi bisa n'ibi